IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi ntizoganira n’abaronderwa n’ubutungane

Reta y’Uburundi ntizoganira n’abaronderwa n’ubutungane

jeudi 27 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwemera kuganira n’abaronderwa n’ubutungane.

"Ico ni ikintu kizwi neza ko bidashoboka. Ahubwo ibihugu vyabahaye indaro, yaba Urwanda, yaba Ububirigi, canke Ubufaransa, n’ahandi hose bari, nibabafate babashikirize ubutungane. ubutungane nibwabeza, ico gihe bazobandanya poritike ukuri kwamye."

JPEG - 37 ko
Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko benshi muri abo banyeporitike bahungiye hanze y’Uburundi ari abakurikiranwa n’ubutungane kubera ubwicanyi bagirizwa ko bakoze mu Burundi.

Mu mugambwe UPRONA baremera ibiganiro vyohuza Reta y’Uburundi hamwe n’abanyeporitike bahunze, ariko badakurikiranwa n’ubutungane. Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA asaba ko hokwubahirizwa amategeko.

"Nk’umugambwe ushira imbere iyubahirizwa ry’amategeko, twebwe twumva ko abaronderwa n’ubutungane bobanza bakishura ivyaha bagirizwa, hama kumbure abera bakera, abakoze ivyaha babibazwe. N’ayo ahandi kwoba ari ugusasira indava ikibi."

JPEG - 55 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hahahah jewe aba DD barantangaza,asha muzovugana nabo mwanka mwemera

  • Ehe raba nk’uyu barandamuye za Buraya ngo aje kuvugira Leta ya CNDD-FDD, ngira ntibazi kahise kiwe. None ariko acira imanza abandi nkuko umengo ni intungane. Hiyo za Buraya yaragisibije aca aritahira. Ewe Burundi waragowe.

  • Busurahenda, ivyo wavuze kuri Nzeyimana Diomede , icegera cumuvugizi wa president ni ukuri.
    Igihugu kugira gitere imbere ni kubera abanyagihugu baco uko baba bameze. Abantu nka bo bavugizi bumukuru wigihugu nibo buzuye muri CNNDD. Ikibaranga , inzoga nyinshi, abagore , corruption, nepotisme kwiyemera n ibindi. Abantu nkabo nuwobaha imyaka irenga igihumbi, igihugu ntikishobora gutera imbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.