Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi ntizoganira n’abaronderwa n’ubutungane
Reta y’Uburundi ntizoganira n’abaronderwa n’ubutungane
jeudi 27 Mukakaro 2017, par
Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwemera kuganira n’abaronderwa n’ubutungane.
"Ico ni ikintu kizwi neza ko bidashoboka. Ahubwo ibihugu vyabahaye indaro, yaba Urwanda, yaba Ububirigi, canke Ubufaransa, n’ahandi hose bari, nibabafate babashikirize ubutungane. ubutungane nibwabeza, ico gihe bazobandanya poritike ukuri kwamye."
- Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA
Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko benshi muri abo banyeporitike bahungiye hanze y’Uburundi ari abakurikiranwa n’ubutungane kubera ubwicanyi bagirizwa ko bakoze mu Burundi.
Mu mugambwe UPRONA baremera ibiganiro vyohuza Reta y’Uburundi hamwe n’abanyeporitike bahunze, ariko badakurikiranwa n’ubutungane. Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA asaba ko hokwubahirizwa amategeko.
"Nk’umugambwe ushira imbere iyubahirizwa ry’amategeko, twebwe twumva ko abaronderwa n’ubutungane bobanza bakishura ivyaha bagirizwa, hama kumbure abera bakera, abakoze ivyaha babibazwe. N’ayo ahandi kwoba ari ugusasira indava ikibi."
- Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA
Egide NDUWIMANA
Messages
28 Mukakaro 2017, 09:20, par Hafsa
Hahahah jewe aba DD barantangaza,asha muzovugana nabo mwanka mwemera
28 Mukakaro 2017, 14:25, par BUSURAHENDE
Ehe raba nk’uyu barandamuye za Buraya ngo aje kuvugira Leta ya CNDD-FDD, ngira ntibazi kahise kiwe. None ariko acira imanza abandi nkuko umengo ni intungane. Hiyo za Buraya yaragisibije aca aritahira. Ewe Burundi waragowe.
31 Mukakaro 2017, 00:03, par mahama
Busurahenda, ivyo wavuze kuri Nzeyimana Diomede , icegera cumuvugizi wa president ni ukuri.
Igihugu kugira gitere imbere ni kubera abanyagihugu baco uko baba bameze. Abantu nka bo bavugizi bumukuru wigihugu nibo buzuye muri CNNDD. Ikibaranga , inzoga nyinshi, abagore , corruption, nepotisme kwiyemera n ibindi. Abantu nkabo nuwobaha imyaka irenga igihumbi, igihugu ntikishobora gutera imbere