Reta y’Uburundi yatanguje amatohoza ku vyagirijwe ubumwe bwa Buraya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 Ruheshi 2017 saa 09:05
Yasomwe : 33183
0 0

Reta y’Uburundi imenyesha ko yatanguje amatohoza kugira imenye namba Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryoba ryarafashije abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi.

Nk’uko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Filipo NZOBONARIBA kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017, Reta y’Uburundi ivuga ko yamenye ko hari inyandiko ziriko ziratembera zerekana ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rishobora kuba rifise uruhara mu gushaka guhindura inzego zirongoye Uburundi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Iryo tangazo rimenyesha ko izo nyandiko zerekana ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryaterereye amafaranga amashirahamwe canke abantu bafise uruhara mu guhungabanya inzego zatowe n’abanyagihugu, abo nabo bakaba baronderwa n’imitahe mpuzamakungu. Ubumwe bwa Buraya bwagirizwa kandi bwafashije mu kuronsa impapuro (Visa) z’ukuja mu bihugu vya Buraya ku bantu bagirizwa amabi yakozwe mu Burundi.

Muri iryo tangazo, umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi amenyesha ko izo nyandiko ari ikindi gituma Reta ivuga ko habaye uruhara rw’abanyamahanga mu gushaka guhungabanya amahoro n’intwaro rusangi imbere y’amatora yo mu mwaka wa 2015.

Abicishije muri iryo tangazo, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Filipo NZOBONARIBA, amenyesha ko izo nyandiko zije gutanga inyishu kandi ku bibazo Reta yahora yama yibaza ku gituma Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rifata iya mbere mu gufatira ibihano Uburundi mu bijanye n’imigenderanire, rikaba kandi irya mbere rifata ingingo zitorohereza Uburundi.


Kumenyekanisha

1
kankindi 6-06-2017 à 19:53

gumahamwe rekaguhahamuka imana irazi vyose

2
MURUNDI 6-06-2017 à 14:12

IVYO NTAGITANGAJE CANKE GISHASHA KIRIMWO KUVA NA KARE HOSE IZO NYANDIKO NZOBONABIBA AVUGA ATARANATANGURA KUZIVUGA GELASE(NDASUBIRAMWO)HARI URUNDI RURIRIMBO YARIRIMBA ATARURWO NYENE.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha