IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rumonge : Abayoboke batanu ba Rwasa Agathon bari mu munyororo

Rumonge : Abayoboke batanu ba Rwasa Agathon bari mu munyororo

mardi 27 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abayoboke batanu ba RWASA Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, bakwije iminsi ine bapfungiwe mu gasho k’intara ya Rumonge.

Abo banywanyi ba FNL iyoboka Rwasa Agathon bafashwe n’igiporisi hamwe n’abakozi b’igendereza kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Nyakanga 2016, bari ku musozi Mayengo, zone Kigwena, mu ntara ya Rumonge. Bahagaritswe bagirizwa ko bari mu nama itazwi kandi itemewe n’amategeko, ariko abo batawe muri yompi bakaba bavyiyamiriza, mu kuvuga ko bafashwe mu gihe bari mu rubanza rwari rwabereye mu muryango w’umwe muribo.

Abo bapfungiwe mu gasho ka komine Rumonge ni Boniface Ndinzuruvugo, Étienne Ntigirinzigo, Emmanuel Barutwanayo, Étienne Nzoza hamwe na Pierre Ntigirinzigo.


IGIHE

Messages

  • MBE YEMWE NI BIKI? IGIHE CA BA BUYOYA NIHO BATANGA ITRGEKO NGO ABANTU NTIBAKWIYE KUBONEKA BARI HAMWE IGITIGIRI KINGANA BATANU NTIHENZE . NONE NUBU?

  • Mbega yemwe nubu ntibaramenya umwansi uwariwe ? nibagezaho nukuri

  • Kuvuga kwabantubapfunze arabanwanyi ba Rwasa ngo nabayoboke ba Rwasa ntibikenewe kuko umuntu umubona yivuga ngonduyu kandi mumutima atarikwo.
    Igihekimwe Tanzania impunzi zabayo bazibujije kuzazira sohoka amakambi noneho hakabaho hariho ikintu abatanzaniya bubahacane nacokikaba ari inkofera mwenirya yaba Islam benumuntu yambaye mwizosi kola akamenyetso karanga ababa araba Pasteur mumasengero amwamwe.
    Nukwo habaho umuntumwe wumuririmvyi mwisengero ryaba pantekote yarikeneye kuvamunkambi kugira aje munama nkuwuserukira abandi, ivyoyakoze yafashe inkomfero yak’Islam arambara maze afata urugendo, ngononeho babasungusungu nabandibose bamubonye ngobaguma bacabugufi bavugango’SHIKAMU.
    Uyundi nawe yari umuntu asanzwe atari umu Pasteur maze kugirafate urugendo rutuma asohoka ikambi arondera ikintu kimeze nkaya KOLA yaba pasteur yambara mwizosi maze afata urugendo maze ahaciye bakamubasha kumubwirango BWANA ASIFIWE MCHUNGAJI, SHIKAMU, niubahiro cishicishi.
    Mukurikiranye abobantu mvuze iyobabafata barikubaha amazina atariyo , kuko umwe barikuvuga ngo bafashe umu Islam wimpunzi yasohotse ikambi kandi ari Umukristo, uyundi nawe barikuvuga ngo bafashe umu Pasteur yasohotse ikambi kandi atarumu Pasteur.

    Nashaka kubabwirarero ko niyumva bafashe umwanawawe bakakubwira ngo bafashe umwanawawe ivyo urazovyemera kuko uzobubona kwarumwanawawe koko , ariko mwenibi vyogusangira amashirahamwe harigihe umuntu mumubona mengo muribamwe kumbe yazanwe nukubasambura canke mukaba mwarihamwe ariko hakaba hariho umwansiwanyu yamuhaye ikintu ngokugira azobasambure noneho namwe mukagumamuvuga ngonumuntuwanyu kumbemuriko murisambura iyomuvuga ngonumuntuwanyu .
    Mbenkubu ngaha muri reta yacu mu Burundi murabona kobaguma bavugako rushwa/igiturire uwuzofatwa akirya kwazohanwa mbega muraziko kumuntu aguma acaka kwashobora kuba abigira kugira abarwanye mazenamwe mukishinga ngurya nuwomuri reta kumbe arazwishinga nogukora ivyanduza reta, kandi ugasanga ahejeje kubikora acabibwira abasi biyo reta mbere ninahamwe musanga iyorushwa ituma musanga mwahaye inzira uwuje yikoreye amagenade yokubamara?
    Mwirinde abantu bakora ibibi nubwomwoba musangije umurwi mwemere bahanwe.
    Murazorebaneza DD ibihangange vyayo icovyayikoreye: ngico icarimwe icegera wakabiri cumukuru wigihugu yari DD , uwari umukuru winama nshingamateka kwizina ntiyari DD nabandi bataribake ntibabonekana kumazina kwari DD ariko mumitima baribibereye munyungu zu Bubiligi na Louis Michel gusa.

  • Mbe abayoboke ba Rwasa bo muzindi ntara ko umengo ntibazi amategeko? Muri Bujumbura banaharwiriye ko badafungwa? Nuko bazi amategeko, kandi ni bakomere.

  • Hahaaaaaaaaa namye mvuga yuko Nkurunziza peter kwazoruhuka bose abamariye kumacumu, nabado ataratora Rwasa nawe rwamurenze kuwepfo. jewe namye mvuga yuko iyo misakanyika kwizoruhuka imaze abanyagihugu bose.

  • Nibagender kumategeko ntaho uvuze ngo naba Rwasa uba wihenze cane.Kuko Rwasa ntarihejur ya mategeko.

  • rwasa arikucayi numukiti namwe ngongwiki nimwiririre

  • Jewe Icombona Uburundi Nukuri Atari Mana Igize Ubuntu Tuzogumatwangara Kuko Ingorane Ntiziri Kugihugu Canke Kuri Presd Canke Cdd Dd Ziri Kundazabozabagoye

  • bit ka yemwe jewe sinva ibibintu iyo bizo herera muga ntamajambo meshi nvuze invura irarwa mugabo amahezo itegerezwa guhita

  • JEWE NTAMUGAMBWE NUMWE NDIMWO ATARI UWA YESU KRISTO.MUGABO NTA DEMOKRASIE IRI MUBURUNDI.KANDI UWOMUDASANGIYUMUGAMBWE ARUMWASI.NIMUZEDUKUNDANE MUBUDASA BWACU.

  • yewe lemy sigura ubudasa buri mu barundi iyimvugo ngo ubudasa niyo yatumye igihugu gisambuka ahubwo dukwiye kwiyamiriza umuntu wese azoza atwigisha ko abarundi badasa mwibuke ibihugu vyose vyabayemwo amahano iryo jambo niryo ryakoreshwa ahubwo jewe umuntu akoresha iryo jambo ndamwiyumwira ukundi

  • abari mumakosa bategerezwa guhanwa umuntu atarabiye

  • Jembona Kobarenganijwe None Nibaza Baradusanga Aho Dukoraniye Mukanama Kokungurana Ivyiyumviro Vyokwitezimbere Bakadufata Wumvaho Abarundi Tuzoterimbere Nyari Konzi Umuntu Agirwa Nuyundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.