IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 5 barishwe,11 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo (...)

SOS-Torture: 5 barishwe,11 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi imwe

lundi 10 Mukakaro 2017

Nkuko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture Burundi cama gisohoka uk indwi iheze,muri abo bantu 5 bishwe,babiri ntibamenyekanye,ariko igiteye amakenga nuko abajejwe umutekano baciye bafata ingingo yo kubafuba batagize amatohoza ngo bamenye imyidondoro yabo.

Muri ico cegeranyo kandi,isekeza SOS-Torture Burundi riragaruka ku muganga ava mu gihugu c’Ubutariyano yahora akora mu bitaro Kira Hospital yatowe ikiziga mu nzu aho yaba,muri quartier Kiriri,mu gisagara ca Bujumbura.

Isekeza SOS-Torture Burundi riragaruka kandi ku gitero cakozwe kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017,ku bantu batatu bari kw’ipikipiki ku mutumba Kavumwe,Zone Ndemeka,Komine Gisuru,intara ya Ruyigi aho bivugwa ko bakomeretse,ariko ababikoze bakaba batamenyekanye.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko hari abantu 18 bagizwe n’abagabo 16 hamwe n’abakenyezi 2 bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igiporisi mu ntara ya Cibitoke,inyuma yo guhagarikwa n’umushikirizamanza mu ntara ya Cibitoke.

SOS-Torture Burundi imeneyesha ko ikiringo gitegekanijwe n’amategeko cahonyanzwe,kuko bamaze indwi zitatu bapfunzwekandi biboneka neza ko ataco bagirizwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.