Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS Torture : Abantu 4 barishwe, abandi barahagarikwa mu kiringo (...)
SOS Torture : Abantu 4 barishwe, abandi barahagarikwa mu kiringo c’indwi
lundi 29 janvier 2018
Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bahagaritswe, harimwo abanywanyi babiri b’umugambwe utavugarumwe na Reta , bagirizwa kuba bariko bigisha abanyagihugu kutemeza ibwirizwa nshingiro bitegekanijwe ko rizokwemezwa canke rihakanwe , mu kwezi kwa gatanu 2018.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umwana w’imyaka itatu, ku mutumba Samwe, komine Rugombo,mu ntara ya Cibitoke, ahitanywe na gerenade , mu gihe abandi bana babiri bakomeretse .
Ico cegeranyo nyene, kiragaruka kw’ihagarikwa rya Charles BACAMURWANKO na Emmanuel MANIRAMBONA , abayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA muri komine Gasorwe, intara ya Muyinga, bagirizwa kwigisha gutora Oya mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
MUGISHA Van Naris