IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS Torture : Abantu 4 barishwe, abandi barahagarikwa mu kiringo (...)

SOS Torture : Abantu 4 barishwe, abandi barahagarikwa mu kiringo c’indwi

lundi 29 janvier 2018

Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bahagaritswe, harimwo abanywanyi babiri b’umugambwe utavugarumwe na Reta , bagirizwa kuba bariko bigisha abanyagihugu kutemeza ibwirizwa nshingiro bitegekanijwe ko rizokwemezwa canke rihakanwe , mu kwezi kwa gatanu 2018.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umwana w’imyaka itatu, ku mutumba Samwe, komine Rugombo,mu ntara ya Cibitoke, ahitanywe na gerenade , mu gihe abandi bana babiri bakomeretse .

Ico cegeranyo nyene, kiragaruka kw’ihagarikwa rya Charles BACAMURWANKO na Emmanuel MANIRAMBONA , abayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA muri komine Gasorwe, intara ya Muyinga, bagirizwa kwigisha gutora Oya mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.