IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture:Umuntu umwe yarapfuye, 5 barahagarikwa mu kiringo (...)

SOS-Torture:Umuntu umwe yarapfuye, 5 barahagarikwa mu kiringo c’indwi

lundi 26 mars 2018

Nk’uko biri mu cegeranyo isekeza SOS-Torture risohora uko indwi iheze, uwo yitavye Imana ni Simon BIZIMANA wo mu ntara ya Cankuzo, yitavye Imana inyuma yo guhagarikwa yagirizwa kwanka kwitaba amatora kubera ukwemera kwiwe.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko mu giporisi bahakanye ko ata ruhara bafise mu rupfu rwa Simon BIZIMANA, babicishije ku rupapuro rwa muganga bashize ahabona,rwerekana ko yitavye Imana ahitanywe na Malariya.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko abantu batanu bahagaritswe mu bice bitandukanye, muri abo ahakaba aharimwo abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’irekurwa ry’abahora napfunzwe, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, muri abo hakaba harimwo abagirizwa guhohotera abantu, hamwe n’ivyaba bitagirirwa ikigongwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.