IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : abantu 24 barahagaritswe mu kiringo c’indwi

SOS-Torture : abantu 24 barahagaritswe mu kiringo c’indwi

lundi 12 février 2018

SOS-Torture rigaruka kw’ihagarikwa ry’umusore wo muri zone ya Musaga yagirijwe gutunga ikigwanisho, mu gihe aho aba ata kintu na kimwe cahatowe hamwe n’ihagarikwa ry’umunyeshure wa kaminuza ata mutahe wo kumuhagarika watanzwe yagirijwe kuba mu mirwi irwana.

Muri ico cegeranyo ca SOS-Torture, Isekeza SOS-Torture rivuga ko abajejwe umutekano bahagaritse abantu 15 muri komine ya Makamba hagati y’amagenekerezo ya 3 na 4 Ruhuhuma 2018 mu gihe bariko bagenda mu bikorwa vyo kurima mu ntara ya Cibitoke.

SOS-Torture rimenyesha ko, muri ico kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 10 Ruhuhuma 2018,abakozi ba Reta bategetswe gutanga intererano itegekanijwe mu matora ya 2020,aho amafaranga yakuwe ku mishahara yabo hamwe n’izindi ntererano basabwe guterera mu ntara n’abajejwe intwaro.

Ico cegeranyo ,kigaruka kw’ihohoterwa ry’uwitwa Jonathan NZOBONIMPA wo k’umusozi Buhayira, muri Komine Murwi,mu ntara ya Cibitoke bivugwako ari umunywanyi wa Agathon Rwasa.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ko gisase ntenzwantoke catewe ku rugo rw’uwitwa Jonas HAKIZIMANA i Munini mu ntara ya BURURI kw’igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rigaruka kandi k’umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro mu ntara ya Ruyigi Jean Claude NSHIMIRIMANA yabujijwe gukora umwuga wiwe na buramatari w’iyo ntara Abdallah HASSAN amwagirije guhungabanya umutekano.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.