IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubukwe bwiza na TECNO

Ubukwe bwiza na TECNO

dimanche 11 Ruheshi 2017

Monna Walda KANEZA icegera ca Miss Burundi 2017, akaba kandi mu batowe ngo bamenyekanishe ibijanye n’iryo higanwa aratubwira uno munsi aho ihiganwa rigeze :«Aho bigeze birashimishije abagura terefone Camon CX babandanya kuza ari benshi, abantu benshi baramaze kwemera ko baguze telefone kandi bisunze ivyashikirijwe ari telefone nziza ifise ivyiza vyinshi,kandi abayiguze bose barashima uko ikora

Mona Walda KANEZA ati : «Uretse ko uyiguze wironkera amahigwe yo gukorerwa ubukwe bw’agakura imbere y’uko umwaka wa 2017 uhera, Terefone Camon CX ni terefone nziza cane ifotora amafoto meza cane naho hoba mw’ijoro, irabika umucanwa umwanya munini kandi yoroshe no gutwara.»

Kugira umuntu aje mw’ihiganwa bisaba ko agura terefone hanyuma akiyandikisha, agasiga izina, na numero ya terefone, hanyuma agahamagarira abandi kuza kuyigura.

Abatari bake bokwibaza aho bogurira iyo telefone. Nta handi ni mu kibanza CROSSRIVER INTERNATIONAL PHONES kiri hafi y’ikibanza citiriwe ukwikukira, hamwe no mu kibanza HELLO PHONE kiri mu nyubakwa y’ahahoze hakorera iradiyo Bonesha FM.

Igitangaza rero abantu benshi bofatirako, n’uko telephone Camon CX yagabanijwe igiciro gushika ku bice 10 kw’ijana, aho mu bisanzwe igurwa amafaranga 480000 y’amarundi, ariko ku muntu yiyandikishije mw’ihiganwa yagabanuwe igiciro ikagurwa amafaranga 432000 y’amarundi.

Twobamenyesha ko ako kaganuke k’ihiganwa ryateguwe na Tecno Mobile kazomara amezi atatu gusa, ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 8 Rusama gushika kurya 31 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.