IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwongereje umwanya wo gutanga (...)

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwongereje umwanya wo gutanga igitoro

mardi 16 Rusama 2017

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ryateweko umukono n’umushikiranganji Come MANIRAKIZA kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama 2017,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko buriko burakora ibishoboka vyose kugira igitoro gisubire kuboneka uko vyahora.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bumenyesha ko uko imiduga yunguruza abantu n’ibintu itandukanye, ariko n’ibituro bazonwesherezako ibitoro n’amaritiro bazohabwa atandukanye.

Imiduga minini yunguruza ibidandazwa azonwesha igitoro ku bituro vya Engen mu Kinama na Interpetrol ku Musaga, ibituro vya Engen Mutanga- Nord,Interpetrol Asiatique na Interpetrol Kanyosha bizotanga igitoro ku modoka zito zito zunguruza abantu (bus), mu gihe igituro ca Interpetrol kiri ku kigo ndangakaranga Musee vivant kizotanga igitoro ku mapikipiki n’imiduga y’amapine atatu.

Ku bigenga bafise imodoka batemberamwo zabo, bazoronkera igitoro ku bituro bitanga igitoro bitavuzwe muri iri tangazo ry’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bumenyesha ko iyo ngingo ica itangura kuja mu ngiro igishirwako umukono kuri uwu wa kabiri.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.