IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwadugije igiciro c’isukari

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwadugije igiciro c’isukari

lundi 20 Ntwarante 2017

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi bwadugije igiciro c’isukari iva ku mafaranga 2200 y’amarundi ku kilo, ija ku mafaranga 2340 y’amarundi, ku mudandaza muto.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi Pelate NIYONKURU kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ntwarante,umwaka wa 2017, umufuko w’isukari uzorangurwa amafaranga 111500 vy’amarundi mu gihe wahora ku mafaranga 104879 y’amarundi ku barangura mw’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO.

Muri iryo tangazo ubushikiranganji bw’ubudandaji bumenyesha kandi ko umufuko wisukari uvuye ku mafaranga 107 138 y’amarundi uja ku mafaranga 114000 k’uwuranguza ku mudandaza muto muto.dandaza arangura ku badandaza baranguza, azorangura umufuko w’isukari amafaranga.

Ubushikiranganji bw’umudandaji amahinguriro n’ingenzi, busaba abaranguza n’abadandaza b’isukare bato bato kwubahiriza ibiciro,bukamenyesha ko uwutazovyubahiriza azohanwa n’amategeko.

Hari haheze amezi yababa atatu, igiciro c’isukari kidugijwe gishika ku mafaranga 2200 y’amarundi, ariko kuva igiciro kiduze isukari ntiyasubiye kuboneka, aho ibonetse ikagurishwa amafaranga ari hagati y’3000 na 3500 vy’amafaranga y’Uburundi ku kilo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.