IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwatanze imiriyoni zirenga 256 (...)

Ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwatanze imiriyoni zirenga 256 z’intererano y’amatora

mardi 13 mars 2018

Ayo mafaranga yatanzwe kuri konte iri mw’Ibanki Nkuru y’igihugu mu gisagara ca Bujumbura, n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka, amasoko ntanganguvu Come MANIRAKIZA.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu buje bukurikira izindi nzego za Reta hamwe n’abantu ku gatwe kabo bamaze gutanga intererano y’amatora, igikorwa catangujwe n’umukuru w’igihugu aho yatanze imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi kubwo umuryango wiwe.

Mu nzego zimaze gutanga amafaranga y’intererano, ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka amasoko ntanganguvu bubaye ubwa mbere butanze amafaranga menshi, imbere y’ubushikiranganji bw’indero bwatanze ayarenga gato imiriyoni 130 z’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.