IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD uragabisha uwogomba gucanishamwo abanywanyi (...)

Umugambwe CNDD-FDD uragabisha uwogomba gucanishamwo abanywanyi bawo

jeudi 24 mai 2018

Ubicishije ku munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, Evariste NDAYISHIMIYE, umugambwe CNDD-FDD uragabisha
Uworota aryanisha abangumyabanga yitwaje ubwoko, igikenye, igihagararo n’ibindi.

Umugambwe CNDD-FDD, uriyamiriza kandi poritike z’ibinyoma, z’ibihuha, zo kuryanisha abonse rimwe, hamwe na poritike zishingiye ku ntara, ku moko no kuri mpinga yanje.

JPEG - 42.6 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umugambwe CNDD-FDD urashimira abateguye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, n’abo bose bagize uruhara kugirango agende neza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ko atatomoy uko vyifashe ?
    Hariho zuguruzuguru ?

  • Andika hano:Ariko vyobura ko bacanamwo ega nawe ntushaka kwicara muri presidence ?Ntiwaba utize.

  • ivyo muvuga sivyombona ahomba !

  • Ahubwo yari akwiye gutera ivyatsi abateguye ko akagwi arimwo kihagira ubutegetsi imyaka idahera nk’uko babishikirije mu Kabezi. Bateguye ko abo batavuga rumwe babarungika muri Tanganika kandi uwabivuze yari yatumwe n’ubutegetsi. Umuntu yishe atumwe n’ubutegetsi canke ururimi yukamwiyaka bavuga ngo ni umusazi...vyose hariho abazobibazwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.