IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD uvuga ko utazosubira mu biganiro bibera hanze (...)

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko utazosubira mu biganiro bibera hanze y’Uburundi

mardi 19 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko uri mu bari bashigikiye ko umuhuza asozera ivyo biganiro bibera hanze kugira abanyeporitike batangure kwitegurira amatora.

Nk’uko bishikirizwa na Evariste NDAYISHIMIYE, naho ata masezerano nyezina yavuye mu biheruka kubera i Arusha, uwo munyamabanga mukuru wa CNDD FDD avuga ko abari mu biganiro bahurije kuvyo bariko baraganira, kiretse ibintu bibiri, ivyo navyo akaba ari ugushiraho Reta y’ubumwe mfatakibanza, hamwe n’ugukuraho imitahe ikurikirana bamwe mu banyeporitike hamwe n’abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

"Ico tutahurijeko ni ugusambura inzego za Reta ngo tugire Reta mfatakibanza, ivyo ndazi ko ata n’umwe azovyemera. Ikindi naco ni uguhagarika gukurikirana abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015, ivyo navyo ntituvyumvikanako. Ni ivyo bibiri gusa."

JPEG - 91.4 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko igikorwa gisigaye ubu ari ugushira mu ngiro ivyavuye aho i Arusha bijanye n’ugutegura amatora, babifashijwemwo n’umuhuza mu biganiro azokwishikira mu Burundi.

"Ubu hageze ko tubishira mu ngiro. Mu kubishira mu ngireo rero, twebwe abanyamigambwe twese twicara hamwe, tugasaba Reta nayo kutworohereza kugira turabe ingene tubishira mu ngiro amatora yo mu 2020 azogende neza."

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko wasavye ubufasha bw’umuhuza

"Twarasavye ko umuhuza aza akaduherekeza kugira aze araduhanura igihe turiko dushira mu ngiro ivyavuye muri ivyo biganiro kuko ubu vyose turabihurizako, kiretse bimwe bibiri nababwira. Ubu tugiye gushira mu ngiro ivyo twumvikanyeko vyose kuko twarahejeje ubu nta mvo ihari y’ukugenda i Arusha, kuko ntaco twari tugiye gukora. Ahubwo ubuhuza nibwo bufise imvo y’ukuza kuko buzoba buje kuduhanura turiko dushira mu ngiro ivyo twahejeje kwumvikanako."

Inyuma ya Reta y’Uburundi, umugambwe CNDD FDD ugize kabiri wemeje ku mugaragaro ko utazosubira mu biganiro bibera hanze y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.