IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA usaba ko abanywanyi bawo bapfunzwe (...)

Umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA usaba ko abanywanyi bawo bapfunzwe barekurwa

samedi 10 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA,umugambwe FNL umenyesha ko uhagaritswe umutima n’abanywanyi bawo bahagarikwa isakisaki mu ntara zitandukanye z’igihugu.

Muri iryo tangazo,umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA uragaruka ku mazina y’abanywanyi b’umugambwe bamaze guhagarikwa:

Mu ntara ya Gitega ni:NZAMBIMANA Edouard na Jean Paul NDUWARUGIRA, mu ntara ya Bururi naho ni: NDUWAYO Bernard aserukira umugambwe muri komine Matana, na GATORE Bernard umubitsi w’umugambwe muri komine Matana nyene.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.