IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU ntishimishwa n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda na (...)

FRODEBU ntishimishwa n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda na Tanzaniya

lundi 13 novembre 2017

Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya-Frodebu Leonce NGENDAKUMANA avuga ko naho umukuru w’igihugu c’Ubuganda n’uwa Tanzaniya berekanye ko badashigikiye ingingo ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI, ari ingingo nziza kuko ije guhana ihonyabwoko, ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu, ivyaha vyo mu ntambara, kandi ije gutatura abavugwa mu vyabaye mu Burundi.

Leonce NGENDAKUMANA avuga ko bidatahuritse ko abari mu bikorwa vyose vy’ibiganiro vyo kugarukana amahoro mu Burundi vyabereye mu gihugu ca Tanzaniya bakiriho, ariko abakuru b’ibihugu bavamwo bagashaka kuba intambamyi y’igikorwa c’urwego rwumvikanyweko.

JPEG - 56 ko
Leonce NGENDAKUMANA ,Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu avuga ati : ’’Ntivyumvikana ingene abafashije gushika ku ngingo yo gushika ku rugero rwo kwitura sentare mpanavyaha mpuzmakungu, aribo boba intambamyi y’igikorwa cayo.’’

Leonce NGENDAKUMANA asaba akarere gushigikira ingingo ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI, kandi kongere gatumeko inama y’ibiganiro mu maguru masha, butumeko n’ubutegetsi bw’i Bujumbura abe aribwo bwitaba atawe butumye, kuko aribwo bukeneye guseruka.

Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya-Frodebu Leonce NGENDAKUMANA , avuga ko abarundi bose bari hanze bategerezwa kwitaba ibiganiro, mu gihe ubutungane butarerekana ko bakoze ivyaha.

Ivyo Leonce NGENDAKUMANA abishikirije inyuma y’aho umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuri na Yoweri Museveni w’Ubuganda bamenyeshereje ko badashigikiye ingingo ya Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu CPI yo gutanguza amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 gushika kurya 26 Gitugutu 2017.

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yavuze ko CPI yafashe ingingo itabajije akarere ka Afrika y’Ubuseruko Uburundi burimwo, kandi bishobora kugira ingaruka ku gikorwa co gufasha gutorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuri yavuze ko ibivugwa k’Uburundi ko ata mutekano uhari atari vyo, kuko n’impunzi ziri mu gihugu arongoye ziriko zirataha izitarataha nazo zamaze kwiyandikisha kugira zitahuke.

Kuwa kane igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017 niho sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI yamenyesha ko igiye gutanguza amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.