IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe Frodebu Nyakuri basaba ONU kwitondera ingingo zofatirwa (...)

Umugambwe Frodebu Nyakuri basaba ONU kwitondera ingingo zofatirwa Uburundi

vendredi 22 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mugambwe Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye bashikiriza ko imbere ya vyose, abakoze ayo matohoza bari kubanza kwiyamiriza abashatse gutembagaza ubutegetsi, abatunganije imyiyerekano n’ubugizi bwa nabi hamwe n’abashinze imigwi igwana mu gihugu carangwamwo umutekano.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri bavuga ko uko ishirahamwe mpuzamakungu ryari kwirinda guhengama mu gushigikira uruhande rumwe, mu vyabaye mu mwaka wa 2015.

JPEG - 15 ko
Keffa NIBIZI, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Iragi rya NDADAYE

Muri uwo mugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye basigura ko mu gihe vyoguma uko bimeze ubu, icarico cose cokorwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko ata nyishu cotanga, kuko vyonezera uruhande rumwe urundi narwo rugakumirwa.

Muri uwo mugambwe basaba igisata mpuzamakungu ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gushikiriza uko Uburundi bwifashe badahenganywe, hamwe no kutihutira gufata ingingo ataco zifasha Abarundi kiretse kubacanishamwo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Wewe Keffa uba uhaze Amstel waguriwe n’aba DD,urashobora kudedemba uvuga ONU wewe? numa hakiri kare utabigwamwo

  • Keffa, Amahera baguye uhaye urayishura kweli bandanya ariko impera nimperuka Intahe izofata ijambo. Biratangaje kubona Uburundi buriwe nabari kubukingira. Nimba ataco mwiyagiza reka ubutungane bubeze. Keffa reka kugurisha igihugu na Barundi kubw ida yawe gusa uvuga ibitakwerekeye ntuhave nawe uzoza murutonde rwabatugiriye nabi. Nimba mugomba guhinyuza icegeranyo ni mutange abantu bose bavugwa ko banyurujwe bababone murabe ko mutaca muba abere. Imigwi igwana ko muriko muyemera ubu kandi kuva kare hose mutayemera boza gutohoza kumigwi idahari? Sha nokabaye hafi nomwibariza neza abacu iyo ababitse. Kimwe buzoca kandi Ukuri kuzocinda impera nimperuka mumamaramare. Enda ntimwogira umutima wo kwubaka igihugu canyu mureke kwisamburirako nki hene?

  • Keffa, sindi mu mugambwe urimwo mugabo ndagushigikiye kuciyumviro cawe. Abakwagiriza ko wariye amafanga mu ba DD ntitwibaza ko biyumvira ko IMVUGAKURI ITARINDA AGAHEMBO.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.