Umugambwe MSD umenyesha ko hatari bwagere ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 décembre 2017 saa 01:43
14475
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaratanguje kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, isekeza ryo gusigurira abanyagihugu integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha rigiye kugenga Uburundi. Mw’ijambo ryiwe umukuru w’igihugu yasavye abarongoye imigambwe gusigurira uwo mugambi abanywanyi babo kandi bubahirize amategeko. Ku ruhande rwawo, mu mugambwe MSD wahagaritswe vy’infatakibanza bavuga ko hatari bwagere ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa.

Mw’ijambo yashikirije kur’uyu wa kabiri muri komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abarongoye imigambwe kwerekana ingendo ibereye umunyeporitike akunda igihugu ciwe akaba n’inkingi y’intwaro rusangi,mu kutaba intambamyi y’umugambi wo gusigurira abanyagihugu integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha.

Mu mugambwe MSD wahagaritswe vy’infatakibanza n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko hatari bwagere ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa, kuko hakiri ibibazo vyugarije igihugu.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu yamenyesheje ko, muri rusangi, ibikenewe guhinduka mw’ibwirizwa nshingiro ryahahora ari ingingo zifise utunenge, ariko izitunganye zitazokomwakomwa.

Umukuru w’igihugu yavuze ko ingingo zitazohinyanyurwa ari nk’izigize inkingi y’intwaro rusangi, amahoro n’umutekano, ugukingira abatavuga rumwe na Reta, uburenganzira n’inyungu z’inkehwa, ubwigenge ibisata bimwe bimwe bishingiyeko, no gukomeza ububasha Inzego z’Igihugu zihabwa n’Ibwirizwa Shingiro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha