IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD umenyesha ko inyishu y’ikibazo c’Uburundi izova mu (...)

Umugambwe MSD umenyesha ko inyishu y’ikibazo c’Uburundi izova mu barundi

mardi 7 novembre 2017

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko ibijanyen’ ibiganiro abarundi muri rusangi bavyibazako vyinshi, bamwe bakanagira icizere ko ibiganiro bishobora kuba inzira yo kuva mu ngorane igihugu kirimwo.

Umuvugizi w’umugambwe MSD akavuga ko ibiganiro bidashobora kuba inzira yo kuva mu ngorane uburundi burimwo,mu gihe cose Reta y’Uburundi itazoba yemeye kwicarana n’abatavuga rumwe n’ayo.

Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD akavuga ko kuba Reta itigeze yemera kuganira n’abo batavuga rumwe kandi biri mu mpanuro bahawe n’amakungu, vyatumye umugambwe MSD wanka kwitaba ibiganiro vyabereye i Arusha muri Tanzaniya kandi bari bafise ubutumire kandi ataco bari bavyitezemwo.

JPEG - 21.4 ko
Epithace NSHIMIRIMANA umuvugizi w’umugambwe MSD

Umuvugizi w’umugambwe MSD akibutsa ko umuti w’ibibazo abarundi barimwo ari bonyene bategerezwa kuwitorera,rero ko ata wosubira kuwitega kuri aba canke bariya, kuko na kare ak’imuhana kaza imvura ihise.

Mwomenya ko mw’itangazo ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwasohoye kuri uwu w’Imana inyuma y’urwo rugendo rwa Michel Kafando, bamenyesha ko Michel KAFANDO n’umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA baganiriye ku biganiro bihuza Abarundi bigiye gusubira gutanguzwa, naho ata genekerezo bizoberako ryavuzwe muri iryo tangazo.

Urwo rugendo rwa Michel KAFANDO mu Burundi ni urwa kabiri, bikaba bitegekanijwe ko azoshikiriza ivyo yashitseko, mu nama y’umutekano ya ONU izoba kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.