IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD usaba ko abanywanyi bawo bagipfunzwe barekurwa

Umugambwe MSD usaba ko abanywanyi bawo bagipfunzwe barekurwa

lundi 10 Mukakaro 2017

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA avuga ko kuba hari abanywanyi babo bagipfunzwe vyerekana ko ari karenganyo gakorerwa umugambwe MSD n’abanywanyi bawo kuva umugambwe ugishingwa mu Burundi.

Epithace NSHIMIRIMANA avuga ko mu mugambwe MSD bagumye basaba ko abanywanyi babo bapfunzwe barekurwa, naho nyene ivyo basavye bitigeze bija mu ngiro.

Ku kibazo co kumenya aho ubutungane bw’Uburundi buhagaze ku bijanye n’abo banywanyi,umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko babajije baca babishura ko ikibazo c’abanywanyi b’umugambwe MSD bapfunzwe kiri ku rwego rwo hejuru.

JPEG - 46.1 ko
Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD

Umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko ubutungane bwari bukwiye kurekura abanywanyi b’umugambwe MSD, kuko uretse ko ari abanywanyi ba MSD,ata murundi n’umwe akwiye gupfungirwa ubusa.

Abo banywanyi b’umugambwe MSD bapfunzwe ni Clement HATUNGIMANA,Roger MUHIZI na Donatien NIYONKURU bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba,Jean de Dieu BIGIRIMANA na Daniel RUGONUMUGABO bapfungiwe mw’iboher rikuru ryo mu ntara ya Gitega,Nathal NDAYONGEJE na Gerard NAHIMANA bapfungiwe mw’ibohero rya Rumonge na NZEYIMANA Charles apfungiwe mw’ibohero rikuru mu ntara ya Rutana.

Vyari bitegekanijwe ko abanywanyi 58 bamaze imyaka itatu bapfunzwe ,aribo barekurwa mu kigongwe c’umukuru w’igihugu, bamwe muri abo bafashwe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014,igihe bagira imyiyerekano ku ngoro y’umugambwe,abandi bafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.