IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe PARENA urashima ingene umuhuza Mkapa yatunganije ibiganiro

Umugambwe PARENA urashima ingene umuhuza Mkapa yatunganije ibiganiro

jeudi 23 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’umugambwe PARENA Zenon NIMUBONA arashima ko umuhuza mu biganiro bihuza abarundi bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya yatumiye abegwa n’ibibazo vya politike mu Burundi.

Zenon NIMUBONA amenyesha ko ari intambwe ikomeye kubona umuhuza Benjamin Mkapa yatunganije neza ibiganiro agatumira imigambwe yemewe mu Burundi, hamwe n’abatavuga rumwe na Reta.

Naho biri ukwo,umukuru w’umugambwe PARENA Zenon NIMUBONA amenyesha ko hari ibibazo nyamukuru bihanze Uburundi bitaganiriweko, harimwo ndetse nivyari vyasigaye mu gice ca kabiri c’ibiganiro.

Zenon NIMUBONA avuga ko ibiganiro vyabereye i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 bisa n’uko ari intango y’ibiganiro ku bibazo bihanze Uburundi kuva mu kwezi kwa kane ,umwaka wa 2015.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.