IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe RANAC ntuzokwitaba igikorwa co kwiyamamaza

Umugambwe RANAC ntuzokwitaba igikorwa co kwiyamamaza

vendredi 4 Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2018, Umukuru w’umugambwe RANAC, Aloys BARICAKO yamenyesheje ko igikorwa co kwiyamamaza kijanye no guhamagarira abanywanyi kuzotora "Ego canke "Oya" atari igikorwa c’imigambwe ahubwo ari igikorwa ca Reta yonyene.

Aloys BARICAKO atwara RANAC yavuze ko no mu mwaka w’i 1992 hamwe no mu mwaka wa 2005 ata migambwe yagiye kwiyamamaza ibwirizwa nshingiro ryari ryahinyanyuwe ariko vyakozwe na Reta.

Aloys BARICAKO yavuze ati : “Igikorwa kijanye n’ibwirizwa nshingiro categerezwa gukorwa n’ubutegetsi si ikibazo ca Reta.”

JPEG - 130.3 ko
Aloys BARICAKO umukuru w’umugambwe RANAC

Umukuru w’umugambwe RANAC yamenyesheje ko ikiringo bihaye co kurindira ko baronka iryo bwirizwa nshingiro giheze bazoca babwira abanywanyi babo batore ikiri ku mutima wabo.

Aloys BARICAKO yongeye kandi amenyesha ko naho batazoja mu gikorwa co kwiyamamriza ibwirizwa nshingiro bidasigura ko ibikorwa vy’igihugu bitabaraba.

Aloys BARICAKO yagize ati : “Ibikorwa vy’igihugu biraturaba naho tutazoja muri ico gikorwa. Nico gituma turiko turabikwirikiranira hafi.”


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Uyu sumunyepolitike yitwa ntaho mpagaze ntashuha canke ng akanye navuge ah ahagaze areke kubesha abantu ntanabanywanyi bashika20 afise jewe ndamuzi neza yirigwa arakina dame nababasuma bokuri bata uwogir impari ejo 16 h azogende kuri bata azomusangayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.