IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri usaba abanyeporitike kwubahiriza (...)

Umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri usaba abanyeporitike kwubahiriza ivyavuye mu matora

lundi 21 mai 2018

Mu rwandiko umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri washize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018,umukuru w’uwo mugambwe Keffa NIBIZI amenyesha ko utugorane tumwe tumwe twagiye twibonekeza mu gihe c’amatora twagiye dutorerwa umuti ushimishije muri ako kanya nyene.

Keffa NIBIZI arongoye uwo mugambwe, amenyesha ko bimwe mu vyabatangaje ari uko hari abanyeporitike bamwe bamwe bafise intumbero zabo bamaze kwumva ibiharuro vy’amatora vyo mu makomine n’intara bimaze kumenyeshwa, basavye ko ayo matora yogirwa impfagusa kugira hatunganywe ayandi matora.

JPEG - 42.8 ko
Keffa NIBIZI, umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri

Muri urwo rwandiko umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri asaba abarundi bose hamwe n’abanyeporitike gufatana mu nda hamwe no kwubahiriza ivyavuye mu matora .


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.