IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA usanga ivyashikirijwe na ONU bitandukanye n’ibiri mu (...)

Umugambwe UPRONA usanga ivyashikirijwe na ONU bitandukanye n’ibiri mu Burundi

vendredi 23 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe UPRONA ubona ko abahinga ba ONU bakoze icegeranyo ku Burundi batashatse kurondera kubaza neza uruhara rw’abategeguye n’abari bashigikiye "imigumuko yabaye mu Burundi". Uwo mugambwe uvuga ko muri ico cegeranyo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryahengamye, mu kwerekana ko ivyashikiye Uburundi ari Reta yonyene ibifisemwo uruhara.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Abel GASHATSI umukuru w’umugambwe UPRONA yamenyesheje ko umugambwe UPRONA ushimishwa n’ingene umutekano wifashe mu Burundi, bagereranije n’uko vyari bimeze mu mwaka w’2015, muri UPRONA bagatangazwa n’ivyashikirijwe mu cegeranyo ca ONU bavuga ko bitandukanye n’ibiri ku rubuga.

Abel GASHATSI yavuze ati : "Abakoze ico cegeranyo ntibashatse kwigora ngo babaze neza, berekane uruhara rw’abagumutse n’abari babashigikiye. Ahubwo barahengamye nk’uko umenga ivyashikiye Uburundi nta bandi bari babifisemwo uruhara atari Reta gusa".

JPEG - 38.5 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Uwo mugambwe ubona ko ubu atariho ONU yovuga ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko, kuko kubw’uwo mugambwe, mu Burundi abantu baratembera mu gihugu cose ata ngorane, yaba ku mutaga canke mw’ijoro.

"Abarundi bo mu moko yose babanye mu mahoro, ivyo bikaduha umwizero ko ata honyabwoko ryimirije mu gihugu cacu. Umugambwe UPRONA uboneyeho akaryo ko gusaba ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryoshigikira nyabuna Reta ku twigoro iriko iragira two kugarukana amahoro n’umutekano."

Muri UPRONA bagasaba Reta y’Uburundi ko yoshira ahabona ivyavuye mu matohoza ku bijanye n’ivyaha vyakozwe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, umunsi hatangura imyiyerekano y’ukwiyamiriza ukwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

  • Ya Mihimbiri Rwagasore yavuga turahaye tuyibona. Aho UPRODD ntasoni.

  • Ndanasavye mumbarize,uyo mugambwe uracabaho,uyo Gashatsi avuga ibiki canke ariko avugira bande,nagende arabe ayo Kagame akoreye impuzi zi Mahama agomba azishikane iburayi nayo uyo Gashatsi areke kudahwa ku bantu

  • Nukuri ndanezerezwa niyo mbonye umurundi uvuga ukuri ukwo kuri nkumukuru w’umukuru w’umugambwe UPRONA. Kagame nawe natware ab’imahama iyashaka nimba ariko gahembo yemereye abo yatumye gusambura Uburundi! ’AMAHEREZO Y’INZIRA NI MU NZU’

  • bahuze bashaka ico nyene kuko ntibakunda igihugu cacu bamenyereye ivyagusa batabiriye akuya twebwe tuzotugwa nuwiteka kuko imana irikumwe natwe hama mutama yirambire

  • bamwe bandika ntaho mutaniye nabawungu ahubwo uwomutama ninyakuri niyirambire ihonyabwoko nibarijane iwabo niho bamenyereye ivyo kurukoba

  • mwembw mwandika mushaka amacakubiri gusa.Ibihe vyarahindutsi.Abahutu na batutsi benshi basigaye bakanuye sha atari mwe mwifuza gukoreshwa na kagame nababiligi.Uyo mu prona numushingantahe nka rwagasore Imana nimuhe vyinshi.
    uwutaramenya abanyarwanda nabambaze aho barababesha ngo muzoja iburaya kugirango ntimuhunguke!!shame!taha nkurunziza nimwene wanyu mumuhora ubusa ncuti zacu

  • ewee gashatsi uratubabaje kabisa ariko murakenye murenze kuruho rwamaso ubu bwicanyi kubera iyonda muriye bike biba icubahiro mwoba mubayiki muti kojeje isoni ariko mube muzi neza ko igihe aba dd bavuye kub tegetsivumenye ko muzogenda mujanye kuko nibo muriko murakorera.

  • Ntakinezera nkiyo mbonye umurundi avuga ukuri nk’uwu mukuru wa UPRONA

  • Tito wewe ntabwenge ugira kuja iburaya nivyo vyiza gusumba kuguma iwanyu ugateza imbere igihugu cakwibarutse? Burya ba mujeri ntabwenge mugira

  • Nimwe rero bita abagabo bijunja nijambo ,nimwe uburundi bukeneye muri kino gihe.tugire uprona.

  • Ariko Ga Tito Mwena Gashano Ntasoni?Muguma Musabira Amashano Igihugu Canyu Ngo Mugomba Kuja Europe?Aho Wosanga Atana"je Suis"muzi?Bemurahekenya Impungure Mubura Gutaha Muzotahira Kuvyimba Amatama.Mana Ronsa Amahoro Uburundi Turayanyotewe.

  • Uprona yari kera naho ubu ni bansumirinda nibampemuke ndamuke nukuri aho baravye abamaze gupfa uko bangana nimba batarabura bazobura niho bazobibona nibibaze abapfakazi ninzoya ndabagaye pe ntabugabo bwabo

  • Murakoze benewacu bomumugambwe UPRONA kuvugisha ukuri iryoshano ngoni jonucide ntarizobaho ngaha Burundi twese abarundi ubutunyotewe gukosora Kagame nakarwikiwe kuko bakomeje kutubaniranabi nabi, maze igihugu curwanda gishikire abanyarwanda bazokwubaha uburundi nabarundi nindongozi, kandi nabarundi bubahe urwanda nabanyarwanda nindongozi.

  • UWOGARUKANA RWAGASORE YOBATWENGA,MURAMUMARAMAYA NUKO GUSA UMUGAYO UTICA

  • Genda UPRONA warakubititse,Rwagasore azutse mwamubwira iki?tumbo mbele maisha nyuma.uprona yarazimye kweli

  • Abobagabo biyitirira UPRONA ataribo. Jewe ndabatahura cane abo nibampemuke ndamuke. Harumugani micombero yigeze guca ngo , uwugomba agakara agatuma akandi. Rero nkurunziza, ntabwo yoshobora guhonya abatutsi atakoresheje abatutsi benewabo nibwoburyo afise ntabundi. kandigihe batomufasha kwica nokumukingira mumabi yiwe, ariko ntampera yu murozi. uko bamushigikira kwiyamiriza icegeranyo civyatohojwe ngaha muburundi,niyaheza gukora ico yateguye, azohindukirira ivyo bijuju. bibuke uko yagize abo bahoranye mwishamba, bazokwihi nyishu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.