Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Umuhuza MKAPA na Reta y’Uburundi ntibavuga rumwe
Yanditswe taliki ya 16-02-2017 - isaha 14:27' na IGIHE

Inyuma y’aho Reta y’Uburundi imenyeshereje ko itazoja mu biganiro naho muri iyo Reta bavuga ko baronse ubutumire bwashitse kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2017 bw’ivyo biganiro bihuza Abarundi vyatanguye i Arusha kuri uwu wa kane, umuhuza Benjamin William MKAPA amenyesha ko Reta y’Uburundi itari yatumiwe, ahubwo ko abaserukira Reta bazokwumvirizwa hanyuma ukwabo.

N’aho biri uko, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ari i Arusha, "kwumvisha abanyeporitike badakurikiranwa n’ubutungane ko botaha mu Burundi." N’izindi ntumwa z’umugambwe CNDD FDD zikaba zitezwe aho i Arusha, mu gihe Reta y’Uburundi yamenyesheje mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatatu ko itazokwitaba ivyo biganiro.

Umuhuza MKAPA yamenyesheje ko isango ryo kuri uwu wa kane ari iryo guhanahana ivyiyumviro n’abatumiwe ku cokorwa kugira Abarundi n’abandi banyeporitike bahunze Uburundi bashobore gutahuka.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, umuhuza Benjamin Wiliam MKAPA yabonanye n’abahoze batwara Uburundi aribo Pierre BUYOYA, Sylvestre Ntibantunganya, hamwe na Domitien Ndayizeye.

Abandi banyeporitike bamaze gushika aho i Arusha ni Léonce Ngendakumana icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, Jacques Bigirimana umukuru w’umugambwe FNL, Abel Gashatsi umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubutegetsi, Tasiyano Sibomana na Evariste NGAYIMPENDA, Jean Minani umukuru w’urunani CNARED, Agathon Rwasa wa FNL itemewe n’ubutegetsi, hamwe na Bernard BUSOKOZA.

Ivyiyumviro vyanyu

Mbenjane Yarakwiye Ubuhuza Kuko Ntahengama Ret Yuburundi Nibarabe Ingene Yoca Inkoningufi Erega Umuvyeyi Yamana Ikigongwe

26.02.2017 à 08:39
Will

Nukoboseboganirabahuzahama hakabonekumutekanomuburundibwoso kandi abagarutsemuburundibakubahirizwa

20.02.2017 à 20:53
ALEX NDUWIMANA

NTIBEMELE GUSUBILA MUBIGANILO BASAKA KUTELA IYINDI KUDETA

17.02.2017 à 22:37
ISAAC

mukapa ivyashaka ntibibaho

17.02.2017 à 21:38
niyonkuru david

Wowe wiyita MUTOKAMBARI Nibyo koko wavuye kule ninayo mpamvu ubwenge bwawe buva kule kuko utari injiji Cg ngo ube ikigoryi ntiwazana U Rwanda muri ayo matlku yanyu yabarundi naho kuvuga ngo aba DD ko batavuze ko u Rwanda rubyihishe inyuma ubwo wowe washatse kuvuga iki ese ubwo tuvuge ko uri umuvugizi wande ? Menya ngo u Rwanda ntimukaruvuge mu bugoryi bwanyu !!!!’ Ubundi mutaba ninjiji ubwanyu ibibazo byarabananiye kubyikemurira ngo muzabikemurirwa na Tanzania , uburayi , amerika ,nahandi !!!

17.02.2017 à 15:22
Rwanda

mutama Mkapa washaj nabi abo ba dd ukingira ikibaba ningand batikij taha ury aya passion ubuhuza wapi

17.02.2017 à 14:35
Rupembano

Nibashinge Ingingo Yokura Mukaga Abarundi,kuko Uburundi Ntamahor Bufise.Mkapa Niyumvish Cndd Fdd,baje Mubiganiro => Bizohava Bimera Nka" Gambia" Rekatuzoba Turabraba.

17.02.2017 à 14:26
D. p. e

Mukapa Arerekanye Aho Ahagaze

16.02.2017 à 19:56
Gerevazi

Mukapa ariko akina cache-cashe nkabana ?Ivyo ga nibiki agira ? Huuuuuuuwee !

16.02.2017 à 16:27
Anna Munezero

Mbe ko DD itavuga ko u Rwanda ruvyihishe inyuma ?hhah Narababwiye ko DD yibagiwe ko Kikwete atakiri President, uwurongoye Tanzanie ni Magufuli kandi ntiyumvikana na Peter,CNARED tsinda tsinda tsinda

16.02.2017 à 15:39
Mtokambali

muri guta umwanya,mwagombye kuba muri mubikorwa biteza imbere igihugu cyanyu mufite amahoro mutabyaza umwimbu.bizogaruka abana banyu mwe mutagishoboye mwarakukurutse. abataha nibatahe hakirikare igihe kiri kubasiga nahano murwanda abari barahunze inkotanyimuri 1994 barimo gutaha kuko basanze abandi brabasize ubu bariko baricuza igihe bataye

16.02.2017 à 15:34
khjnm

muri guta umwanya,mwagombye kuba muri mubikorwa biteza imbere igihugu cyanyu mufite amahoro mutabyaza umwimbu.bizogaruka abana banyu mwe mutagishoboye mwarakukurutse. abataha nibatahe hakirikare igihe kiri kubasiga nahano murwanda abari barahunze inkotanyimuri 1994 barimo gutaha kuko basanze abandi brabasize ubu bariko baricuza igihe bataye

16.02.2017 à 15:33
khjnm

Bararaba Baganire Ivyankenerwa Ariko Ntibibe Ibiganiro Vy’amagaburanyama Kuko Reta Iriho Ubu Yatowe N’abenegihu. Ahubwo Dusabe Imana Idukize Iyi Nzara Ivurwa Mu Mihingo Imwe Imwe Y’igihugu. Mana Dufashe Abarundi Kuva Mu Kaga Eka N’ibindi Bihugu Bifite Ingorane.

16.02.2017 à 15:32
Lamos

muri guta umwanya,mwagombye kuba muri mubikorwa biteza imbere igihugu cyanyu mufite amahoro mutabyaza umwimbu.bizogaruka abana banyu mwe mutagishoboye mwarakukurutse. abataha nibatahe hakirikare igihe kiri kubasiga

16.02.2017 à 15:32
khjnm

KOMERA KW’IBANGA MUTA WIMVISHE CNDD KO UBURUNDI TUBWIRIZWA KUBUBAMWO TWESE ATANUMWE AVUYEMWE KANDI KW’ICA ABOMUDASANDIYE IVYIYUNVIRO NTAHO BIZOBASHIKANA .

16.02.2017 à 15:17
######

wapi kabisa uyumuhuza aratanguye kujaganyibintu, mamawe !. nimbarukuri yubuhutse agatumira NIYOMBARE ubuhuza bwamunaniye icibagiwe nibarya bikuye mukazi bakajakwibera iburayi nka RUFYIKIRI, Piyo NTAVYOHAMA, HATUNGIMANA Rehonidas nabandi nabandi abo ntibakenewe mubiganiro

16.02.2017 à 15:07
kamaro

Ni ukuri sinibaza ko Mkapa atomoye. Ngo leta ntiyayitumiye ; e mama ngo ni ukurabira hamwe icokorwa kugira ngo impunzi zitahe. None yoba azi ico ajejwe ? Yoba ariko aragikora ? Ndamuhanura yotanga imihoho akareka gukindira ku mivyimba y’inzirakarengane zirigwa ziricwa ataco zizira.

16.02.2017 à 14:57
nukuri

Hahahahahhhhh ewe Mkapa genda urazi gukingira ikibaba aba dd. Uti reta y’u Burundi ntiyari yatumiwe ? Jewe nibaza ko utazi icarico umurundi !!!.. Karerwa na Nzobonariba baremeza ko leta ya Pita yaronse ubutumire none kuki ubavugutuza. Bwabundi cnared ntirira busema Kuba neutre birakugora ark ntaco ibuye risohotse ntiriba ricica isuka.

16.02.2017 à 14:50
Alain Nyabenda

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.