IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Evariste NDAYISHIMIYE na Benjamin MKAPA baganiriye ku kibazo c’Abarundi (...)

Evariste NDAYISHIMIYE na Benjamin MKAPA baganiriye ku kibazo c’Abarundi bahunze

mardi 4 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD, Evariste NDAYISHIMIYE ashikiriza ko mu mugambwe arongoye bashigikiye ibiganiro, kuko arivyo vyatumye intambara ihagarara mu Burundi. Ibiganiro muri CNDD FDD bemera ariko akaba ari ibitarimwo abahurikiye mu runani CNARED rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Evariste NDAYISHIMIYE asaba abantu bahunze ko bohunguka.

Mu rugendo yahoramwo mu gihugu ca Tanzaniya, Evariste NDAYISHIMIYE yarabonanye na Benjamin William Mkapa, umuhuza mu biganiro vy’Abarundi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urwo rugendo, yamenyesheje ko yasavye umuhuza ko yofasha mw’ihunguka ry’abo barundi, akavuga hari ibihugu vyafashe izo mpunzi nk’ingwati, kugira berekane ko mu Burundi hari ingorane. NDAYISHIMIYE ati : "Aho rero birakenewe ko haba abandi bantu bababwira ko mu Burundi vyasubiye mu buryo."

Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yamenyesheje ko ivyo bihugu bitegerezwa kwumva ko abo bantu ari abarundi badakwiye kwama bitwa impunzi kandi bafise igihugu cabo.

Abahunze yabashize mu mirwi itandukanye

Nk’uko vyashikirijwe na Evariste NDAYISHIMIYE, mu bahunze, harimwo abanyegihugu basanzwe batewe ubwoba n’abanyeporitike bari bafise izindi ntumbero.

"Uwundi murwi ni uw’abanyeporitike bari basangiye ivyiyumviro vya poritike n’abagirizwa ubugizi bwa nabi mu Burundi, baciye bahunga kubera ubwoba, ariko bakaba ata kibi bakoreye Uburundi."

"Abandi bahunze kubera agashavu kubera batashizwe mu bibanza vy’ubutegetsi mu Burundi."

Muri CNDD FDD bavuga ko kuri uwo murwi w’abatagira ivyo bagirizwa, bazogerageza kugira umuhuza abafashe batahe mu gihugu cabo, kuko n’ubutungane butabarondera.

"Abandi bahunze ni abanyeporitike bagirizwa ubugizi bwa nabi mu Burundi, bakaba bahungiye mu bihugu vyo hanze."

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko abo bategerezwa gushengezwa, imanza zabo zigacibwa. Evariste NDAYISHIMIYE yagize ati : "Ntivyokwumvikana ko batohanwa kandi hariho abariko basaba ko ubutungane bwokwubahirizwa kugira baronke indishi y’akababaro."

Muri urwo rugendo yahoramwo muri Tanzaniya, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD avuga ko yasavye umuhuza William Benjamin Mkapa ko agendera Uburundi kugira aganire n’abarundi hamwe n’abandi banyeporitike bose badashobora gushika i Arusha.


IGIHE

Messages

  • ivyo avuga uyo muyobozi nivyo,ubona Imana yobikora bakavyumva kugira abene burundi bakagaruka mugihugu cabo kuko kwitwa impunzi ntibiryoshe.

  • Komera nyakwubahwa Evarsit Ndayishimiye,
    Nukuri urabivuzeneza ko hariho abashaka gufata burwati abarundibenewacu bahunze ariko uwutanzi abandi niweyoguma yibaza ngo yarabifatiye haryanabo barabibona ariko icobumyeko kiriho.
    Hanyuma nanje nunganiye nyakwubahwa Evarsit Ndayishimiye nigute HCR yovugako hadakenewe ko hazosubira kuzobahakiriho umunyarwanda yitwa impunzi mumwaka wa 2017 ariko vyashika KU Burundi bagatangura kuvugango turasavye abafashe imouzi zabarundi zahunze bitegure kurwiza ngwivyokuzifasha ngokuko mumpera zuyumwaka tuzokwakira impuzinyishi zabarundi!
    Ivyo HCR nabivuze mumwaka uheze mbereyuko hazabantu kwigerezako ngobaje gutera ibirindiro vyamakambi yingwe/yabasirikare buburundi.
    Kugerubu abataribake baracibaza ko baryabateye amakambi yabasirikare hariho ahantu. Hobahariharakoraniye amashirahamwe akomeye mpuzamakungu maze bakayabwirako hariho abantubateguwe nagomba kurungikwa gutera amakambi yabasirikare bu Burundi, HCR akabaricogituma yariyaciye itangaza ko mumpera zumwaka wa 2015 ngohazohunga abarundibeshi ngonihegeranwe imfashanyo nyishi zokuzozifasha, mwarabonye rero ko abaribaje gukora nkivyo inkotanyi zakoze 94 gobaciye bahashwa ningwe zu Burundi, kuko barya abaribaje gusambura igisirikare cuburundi noneko harikuca bajamubanyagihugu bakagimbagura noneho abanyagihugu babona ukuntu barikobaricwa bagahunga kubwishi ngico icatumye HCR ivuga muriya.
    Munyuma rero yamakungumwumva harikuca afata abahoze barimugisirikare CA reta nabahoze muri reta akaca abagerekako kwaribobishe maze ya JONUCIDE yagerekwa kubahoze batwara urwanda mbere ya 94 bakaba bayigeretse kubarindi canke kuri reta irongowe na Nkurunziza.
    Nguko ukovyarivyarapanzwe intumbero kwarugusotera kwaka ububasha abajejwe umutekano buburundi maze bakacabaronkabakacabaronka jenucide bakayigereka aze jenucinde bakayigereka kunzirakarengane mbere bakanabagerekako ngobaribarayitenguye.
    Ivyovyose mvuzerero vyarivyarateguwe nicogituma ugumawumva ahobarihose bagumabarazirana ukumva ngo GENUCIDE ngongiyo nurukurikirane rwivyobaribarateguye babonako uwahawe kuzobivuga ihmgihe bamubwiye cokubivuga kibacageze agaheza agapfakuvuga ngongiyo GENUCIDE!!!

  • TURASAVYE UMUHUZA NYAKWUBAHWA MUKAPA AFASHE MUKWUMVISHA ABO BAHUNZE BATAHE KUKO NIBENSH MURIBO WOBAZ ICATUMYE BAHUNGA BAKABURA ICOBOKWIRA. IKINDI NDASAVYE PACIFIQUE , NIYOMBARE NABANDI BARIKUMW UBUTUNGANE BUBAKOREREKO KUKO HARABANTU BENSHI BICISHIJE BABAZIZA NGO NIMBONERAKURE. MBEGA BIBAZA KO BAMWE BATURIGWA KO TWABIBAGIYE?

  • Muburundi,ntivyorshe.Mana?fashuburnd nabarund

  • Muburundi,ntivyorshe.Mana?fashuburnd nabarund

  • Ntivyoroshe, Imana irakwiye kugira ic’ikoze kur’iyisi.

  • Aba batype baracambara croisé ntibagendana n’ibihe style zararabananiye n’ukwica gusa

  • abarundi baheze bahunga

  • Nibasha kwambara neza bazarebere kuli president kagame nabayobozi bu rwanda. Turabemeza muli byose . Nimuce bugufi puuuuuu

  • ntakintu ki babaje nko kumva ivyo bigambo baguma bavuga ngo ntaco bahunze icoconyene nico conatuma batani yumvamwo gutaha reta niba yipfuza ko bataha nibarabe ubundi buryo bakoresha bareke kuvuga amagambo aba komeretsa kuku birazwi ko hariho beshi bagiye birukwako bamwe babuze nababo ubwo bubesh.nibabugabanye

  • ugomba kwigumira uyo? gumayo weho ngira intete zirakuryohera alia

  • NIBATAHE IBINTU MU BURUNDI VYAGIYE MUBURYO!URWO NIRWO RUKUNDO MUKUNDA ABARUNDI?AHO BASHA RURIYE IMPUNZI NAMWE RUTABIBAGIYE KANDI MWIBUKE KO IGITUMBWE GICA KU YIHIYE!

  • Ubwo Evarst Ndayishimiye aratangaza!, Jewe harigihe nibaza kwababantu bafise ibiharuro mumutwe bikanyobera kabisa. mbega kwavuga yuko atabiganiro akeneye vyobamwo abagovye gutembagaza wa mwicanyi karuhariwe yirirwa aratangaza ngongaha muburundi ngo namahoro, inganda zirirwa ziratikira, kwa DD DDDD bagandaguye ibihumbi nibihumbi za 96,naza 97, na 98 kubandanya ko bwakeye kabiri bagabwa intebe bakicarahamwe nabari kubutegetsi icogihe? nibagendehari burya rwi barwa yabira. abo batagomba bamwe muribo nibo bazogaruka gusaba.

  • Évariste urahenda bande?uzoze ni Kigali twumve ibyo uvuga,haaaaaaaa

  • Ariko ariko nuko umunyarwanda avuga iyo yarakaye,muriko murakora génocide yabatutsi none ngo batahuke mubamare!!!

  • Harigihe njya nibaza nti iyo Habyarimana aba akiyoboye u Rwanda,nuburundi buyobowe uko tububona Ubu,abatutsi baba bamerewe gute?réponse svp,murakoze

  • Nibatahe Dufatane Munda Tureke Kuryana Kandi Turibamwe

  • @Mob!icyo cyibazo njya nkibaza ariko ngasanga kubera ubwenge bw’abatutsi abahutu bari kuryana entre eux rero ntibyari kuzashoboka, abatutsi bazi kwihangana kandi bazi ubwenge

  • Ahubwo uwo muhuza aravuga ko vya munaniye bahashire uwundi twebwe tuzi uko nyerere na Mandela bahuza biratandukanye nuko mkapa ariko aravyitwaramwo ikindi ntibizomworohera kubera ko abakuru bibihugu vyo muri. East bamwe muribo ataho bataniye na nkuru abatameze uko nabo nibaniryo jewe mbona ONU amerika na Eu aribo baribakwiye gufata muminwe ivyo biganiro mkapa bakamwihoza kuko ntavyo ashoboye

  • ingorane zabanyarwanda canke abarundi ntizizomagwa nokutaganira mwabantumwe. rekekuba inkehabwenge. CNDD FDD mwibukeko ibiganiro arivyo vyabakuye mwishamba,ntimwite abandi ngo nabicanyi namwe harabantu mwatesheje izobo.

  • nta muyobozi wuburundi yo tunyika kureba umupaka wurwanda mujye mugenda kuvugira amateshwa hakurya apana mu Rwanda.

  • Evarste Avuga Ukuri Ibiganiro Nivyovyamabizana Amahoro Abavugako Hariho Umwicanyi Muburundi Ntakomeye Mbega Abagize Ubwicanyi Kuva Itandatu Nakabiri Gushitsa Icenda Nagatatu Mbegabo mubitabaki Amahoro Muburundi Uko Ivyatsi Bingana Niko Namahoro Angana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.