Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe RANAC i Muramvya yarekuwe
 Umukuru w’umugambwe RANAC i Muramvya yarekuwe
 Umukuru w’umugambwe RANAC i Muramvya yarekuwe
				
				lundi 9 Ndamukiza 2018, par
Nk’uko vyari vyashikirijwe n’igiporisi c’Uburundi, Daniel MANIRAKIZA yafashwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.
Mu mugambwe RANAC basaba ko urubuga rwa poritike rwokwugururwa kuri bose.
Umugambwe RANAC watanguye ibikorwa ku mugaragaro kw’igenekerezo ry’indwi ukwezi kwa kane 2017. Aho ni mu gihe wari urunani rw’imigambwe yagiye hamwe yitegurira amatora ya 2015. Urwo runani rugizwe n’imigambwe PASSIDE, ANADE, PPDRR, PACONA, ABASA hamwe n’umurwi wabaharanira ukwiyunga kw’umugambwe FRODEBU.
Egide NDUWIMANA

Messages
9 Ndamukiza 2018, 13:42, par SERGES
Ntantambwe Nimwe Azotera Umwansi Wamahoro