IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI usaba ababakwije imyaka kwitaba amatora y’ibwirizwa nshingiro (...)

Umurwi CENI usaba ababakwije imyaka kwitaba amatora y’ibwirizwa nshingiro ari benshi

mercredi 16 mai 2018

Nkuko biri mw’itangazo ry’umurwi CENI ryo kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Rusama 2018, uwo murwi umenyesha ko ibiro vy’itora bizoba vyuguruye kuva isaha icumi na zibiri z’igitondo, gushika isaha icumi z’umugoroba.

Umurwi CENI usaba abazohagarikira amatora mu gihugu cose, gushika ku mwanya, ukabasaba kandi gufasha mu cubahiro n’urupfasoni abazoba baje gutora.

Muri iryo tangazo, umurwi CENI usaba abazoba bagize ibiro vy’itora kwubahiriza itegeko rigenga itora, ku bazobakurikirana nabo, umurwi CENI, ubasaba gukora bashize imbere umutima wo gukunda igihugu.

Umurwi CENI umenyesha kandi ko, ibisabwa kugira umuntu atore, ari ikarata y’itora hamwe na karangamuntu yakoresheje igihe yiyandikisha, nayo ku biyandikishije ariko bataronse amakarata y’itora, umurwi CENI wibutsa ko bafise uburenganzira bwo gutora bakoresheje agapapuro biyandikishirijeko, n’ikarata karangamuntu bakoresheje umunsi biyandikisha.

Umurwi wigenga utegura amatora CENI, wibutsa kandi ko abatarakwiza imyaka 18 batazotora, kandi ko amakarata yabo y’itora abitswe m’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI.

Umurwi CENI urangiza usaba abarundi kugira umunsi w’igenekerezo rya 17 Rusama 2018 umunsi w’iteka, wo guhuriza hamwe inguvu mu gutsimbataza amahoro n’ukwikukira kw’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Amatora .nimeza .reka buce .twese tuje kwerekana .icodushima.nicotwanka .imana ifashuburundi

  • Amatora atunganijwe mum’anya muto bishoboka koyokwibwa nkaha rumonge imbonerakure nigiporisi bugay ibarabara 19h00 ntamuntu arengana imyiyamamazo ivanze niterabwoba irabandany nubu ntidutora itiro kubera bo harahejj gukubitwa umuntu ubunyene inzandiko zitagira umukono zimaz imisi zitorwa nzotora OOYA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.