IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wamenyesheje abashobora gutorera aho batiyandikishirije

Umurwi CENI wamenyesheje abashobora gutorera aho batiyandikishirije

lundi 14 mai 2018

Umurwi CENI uvuga ko abo bantu ari, abakozi b’umurwi CENI,CEPI na CECI, ababacungerera umutekano, hamwe n’abakora mu biro vy’itora.

Abandi umurwi CENI uvuga ko bashobora gutorera aho batiyandikishirije, ni abajejwe umutekano w’amatora,hamwe n’abacungera umutekano w’abategetsi hamwe n’abagendesha imodoka zabo.

Nk’uko umurwi CENI ubimenyesha, abandi ni abakozi ba Reta bahinduye aho bakorera, abarundi biyandikishirije hanze ariko batashe mu gihugu, hamwe n’abarundi bagiye hanze bamaze kwiyandikisha, muri abo harimwo abasirikare bagiye kugarukana amahoro.

Abandi ni abanyeshure biyandikishije mu gihe bari mu bikorwa vyo kwimenyereza ariko ubu bakaba barasubiye ahari amashuri yabo, ariko habanje gusuzumwa ibibaranga n’ikarata y’itora.

Umurwi CENI, umenyesha ariko ko ata kibanza na kimwe kirekuriwe kwakira abantu barenga 50 bagitoreramwo atariho biyandikishirije.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.