IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi ujejwe ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro washizweho

Umurwi ujejwe ivyohindurwa mw’ibwirizwa shingiro washizweho

mercredi 3 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA aheruka gushira umukono kw’itegeko rigena umurwi w’abantu 15 bajejwe gushikiriza ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Uwo murwi wegukira ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ukaba ufise ikiringo c’amezi atandatu.

Mu gihe ayo mezi atandatu yohera uwo murwi utaraheza igikorwa c’ukwerekana ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, bitegekanijwe ko uzokwongera ikiringo kimwe c’amezi abiri, naho nyene abagize uwo murwi akaba aribo bazosaba ko bongerwa ico kiringo.

Abagize uwo murwi ni Abarundi cumi na batanu batowe mu mice itandukanye : uwuserukira ibiro vy’umukuru w’igihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’ubutungane, batatu baserukira imigambwe hamwe n’abigenga bafise intebe mu nama nshingamateka y’Uburundi, babiri baserukira imigambwe itari mu nama nshingamateka, batatu baseruki amadini, umwe aserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umwe aserukira ihuriro ry’abakenyezi, umwe aserukira urwaruka, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’abatwa.

Inama nshikiranganji yari yakoranye kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2017 yari yize integuro y’itegeko ivuga ibijanye n’umurwi uzohinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi babona ko uguhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ata kindi bigamije atari uguhindura ingingo ivuga ibiringo vy’umukuru w’igihugu, kugira Petero NKURUNZIZA ashobore kuzosubira kwitoza mu mwaka w’2020, hamwe n’iyindi myaka.

Tubibutse ko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi wamenyesheje mu cegeranyo c’ivyo umaze gushikako, ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.