Accueil > Amakuru > Poritike > Uruhande rutavuga rumwe na Charles NDITIJE rumwagiriza kwibagira inzego (...)
 Uruhande rutavuga rumwe na Charles NDITIJE rumwagiriza kwibagira inzego z’umugambwe
 Uruhande rutavuga rumwe na Charles NDITIJE rumwagiriza kwibagira inzego z’umugambwe
				
				jeudi 9 Ruhuhuma 2017
Icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA urongowe na Charles NDITIJE, Evariste NGAYIMPENDA ari kumwe n’umuvugizi wiwe Tatien SIBOMANA yagiriza umukuru w’umugambwe ko akorera mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED akibagira inzego z’umugambwe.
Evariste NGAYIMPENDA na Tatien SIBOMANA bamenyesha ko basubirije Charles NDITIJE mu burongozi bw’umugambwe UPRONA kuko atariho ari, kandi biri no mu mategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA.
Indyane mu mugambwe UPRONA urongowe na Charles NDITIJE zatanguye kwibonekeza kuva hari uruhande rwemeye kwitaba ibiganiro vy guhanahana ivyiyumviro vyabereye i Arusha ku magenekerezo ya 16 na 17 Nzero umwaka wa 2017.
Charles NDITIJE yagumye avuga ko adashobora kwitaba ibiganiro bitumweko n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa, ariko ku rundi ruhande rurimwo Evariste NGAYIMPENDA na Tatien SIBOMANA bagumye bemeza ko bazokwitaba ibiganiro kuko ata wundi muti w’indyane za politike ziri mu gihugu.
IGIHE

Messages
9 Ruhuhuma 2017, 09:53, par Alain Nyabenda
Aba bagabo barashonje. Ntihagire uwo bahenda kuva Mkapa avuze ko hashobora gushingwa intwaro y’ubumwe baciye batangura kumiramitwa. Umwe wese asotera vice-presidence mugabo nikibanza kimwe ako karwi karazwi. Yves wewe siwe azobona ibiganiro biratanguye kk akayabagu afise bisiga ubwenge. Abo batama batagiye muri pension ndabarahiye bazokwama bashira imbere intérÄ“ts zabo gusa. Iconzi nuko dd itarota ija mubiganiro . Bazogenda le 16 ark ntakizovamwo kk ibiganiro ntavyo bamenyereye kandi ntanico bibabwira.