Urunani CAPES+ ruvuga ko abahunze Uburundi atari ikibazo kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 13 Kigarama 2017 saa 12:21
Yasomwe : 12726
0 0

Urunani rw’amashirahamwe y’abagendana umugera wa SIDA mu Burundi, CAPES + (Collectif des Associations des Personnes Infectées et Affectées par le VIH-Sida) rurashimira Reta y’Uburundi yatanguje isekeza ry’ugusigurira abanyagihugu ibigiye guhinduka mw’ibwirizwa shingiro. Kubw’iryo shirahamwe, ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryasabwe n’abanyagihugu ubwabo babicishije mu biyago vyahuje Abarundi hagati mu gihugu.

Mu gihe ico gikorwa c’ugusigura ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi kibaye hari abanyeporitike hamwe n’abandi barundi bakiri mu buhungiro, mu kiganiro CAPES+ na PISC Burundi yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Hamza Venant BURIKUKIYE arongoye CAPES+ yamenyesheje ko ata na rimwe kw’isi nzima abarongoye igihugu babanza kurindira ko abanyagihugu bose baba bari mu gihugu kugira bagire ico bakoze.

"Maze kubona amabwirizwa shingiro menshi yahindutse. Murazi y’uko amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu 2000 hari Abarundi benshi bari hanze? Ariko ntivyabujije ko ayo masezerano ashirwa mu ngiro. Murazi ko amatora yo mu 2005 yabaye tugifise Abarundi b’impunzi ku bwinshi? Nta na rimwe kw’isi nzima uzovuga ngo nzokora iki abanyagihugu bose bari ngaha.

JPEG - 85.2 ko
Hamza Venant BURIKUKIYE arongoye CAPES+

Urunani CAPES+ ruhurikiyemwo amashirahamwe y’abagendana umugera wa SIDA. Abamenyeshamakuru bari bitavye ico kiganiro bashatse kumenya namba atawohava yibaza ko urwo runani rwataye intumbero mu kuja muvya poritike, bibagiye ibibazo vy’abagendana umugera wa SIDA. Hamza Venant BURIKUKIYE aho yatanze umuco :

"Twebwe turi urunani rw’abagendana umugera wa SIDA. Mbega muri mwebwe mwicaye ngaha ni nde bapimye ko atarwaye umugera wa SIDA? Barya bategetsi bose bari mu migambwe ni nde azi ko batarwaye umugera wa SIDA."

Uwo arongoye CAPES+ avuga ko kuba afise umugera wa SIDA bitamwaka uburenganzira bw’ugukurikirana ivy’igihugu hamwe n’ugutanga ivyiyumviro ku biba biriko birakorwa mu gihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha