IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uwutwara umugambwe RANAC i Muramvya apfungiwe mw’igendereza i (...)

Uwutwara umugambwe RANAC i Muramvya apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura

mercredi 28 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC amenyesha ko mu gihe bari bazi ko abo babiri barekuwe, umwe yatahukanwe muhira, uwundi ajanwa mw’igendereza.

"Ingene vyagenze, umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu, Aloys BARICAKO yarafatiwe i Gitega kuri uwu wa mbere. Kuwa kabiri mu gitondo niho abarongoye umugambwe mu ntara za Gitega, Muramvya, Mwaro na karusi bagenda kuraba umukuru w’umugambwe yari asanzwe apfungiwe mw’igendereza i Gitega. Bashitseyo yarabahambariye, mbere barabapfunga. Mu nyuma barabarekuye ariko uwutwara umugambwe i Muramvya baramugumana, bamanukanwa i Bujumbura, ashikira mw’igendereza, uwundi aja mu muryango wiwe."

JPEG - 73.5 ko
Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC

Umuvugizi w’umugambwe RANAC ashikiriza ko gushika ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu batari bwamenye ico MANIRAKIZA Daniel yagirizwa, canke ingene amerewe.

Georges NIKIZA aravuga kandi ivyo Aloys BARICAKO umukuru w’umugambwe RANAC ku rwego rw’igihugu yabajijwe mu mwanya yamaze mw’igendereza :

"Baramubajije imigenderanire y’umugambwe RANAC n’iyindi migambwe ikorera hanze, cane cane iyirongowe n’abantu bivugwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi. Bongera kandi baramubaza ko RANAC ishobora kuzotora ibwirizwa shingiro canke ntiritore."

Muri RANAC basaba ko bomenyeshwa igituma MANIRAKIZA Daniel akurikiranwa, bakavuga ko ari amakosa yakoze yoyahanirwa, ariko ataco yagirizwa arekurwe abandanye bikorwa vyiwe vya poritike.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo atwara umugambwe RANAC mu ntara ya Muramvya yagirizwa uguhungabanya inzego hamwe n’umutekano w’igihugu.

Umugambwe RANAC watanguye ibikorwa ku mugaragaro kw’igenekerezo ry’indwi ukwezi kwa kane 2017. Aho ni mu gihe wari urunani rw’imigambwe yagiye hamwe yitegurira amatora ya 2015. Urwo runani rugizwe n’imigambwe PASSIDE, ANADE, PPDRR, PACONA, ABASA hamwe n’umurwi wabaharanira ukwiyunga kw’umugambwe FRODEBU.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.