IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > WAP-Burundi yatunganije urugendo rw’amahoro kuri uwu wa gatandatu

WAP-Burundi yatunganije urugendo rw’amahoro kuri uwu wa gatandatu

vendredi 15 décembre 2017

Mw’itangazo ishirahamwe WAP ryasohoye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama 2017, rimenyesha ko umufasha w’umuhuza yatunganije ibiganiro birimwo bose, naho nyene hari amashirahamwe akorera adaharanira ivyicaro vya poritike akorera mu Burundi atatumiwe.

Muri iryo tangazo, umukuru w’ishirahamwe WAP-Burundi Rose NTAWE, amenyesha ko ishirahamwe arongoye rishima ibikorwa vyaranze abitavye ibiganiro, aho berekanye ko bashigikiye ubwigenge bw’igihugu.

Ishirahamwe WAP-Burundi rimenyesha ariko ko ribabazwa n’inyifato ya bamwe mu bitavye ibiganiro berekanye ko bagishigikiye abahungabanye abanyagihugu n’inzego zirongoye igihugu, babicishije mu nyandiko.

Ishirahamwe WAP-Burundi rihamagarira ayandi mashirahamwe n’ababishoboye bose kwifadikanya nabo, mu rugendo rw’amahoro rwatunganijwe ku civugo :’’ Dushigikire amahoro, inkingi y’iterambere rirama.’’

Nk’uko biri muri iryo tangazo, urwo rugendo ruzotangurira mu kibanza citiriwe Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kiri mu Ngagara hafi y’isoko ya COTEBU, igihe c’isaha zibiri z’igitondo kuri uwu wa gatandatu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.