IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bamvuginyumvira bahawe amasaha 48

Ababuranira Bamvuginyumvira bahawe amasaha 48

mardi 21 Nzero 2014

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Ferederiko Bamvuginyumvira yararengutse ku munsi w’ejo kuwa mbere muri sentare ntahinyuzwa mu gisata ca gasamburamanza. Ababuranira uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bafise icizere ko mu masaha mirongo ine n’umunani uwo baburanira ashobora kurekurwa kugira abandanye aburana yidegemvya.

Umushingwamanza Fabiyano Segatwa, asanzwe ari mu baburanira Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko ivyo sentare y’iyungururizo yafatiyeko kugira igumize Ferederiko Bamvuginyumvira mu munyororo bidafashe, ari naco gituma bituye igisata ca gasamburamanza kugira basabe ko Bamvuginyumvira yorekurwa. Muvyo batashoboye guhurizako n’ikibanza Bamvuginyumvira yafatiwemwo aho abaserukira Reta mu rubanza bavuga ko yafatiwe mu Kajaga, mu gihe Bamvuginyumvira ubwiwe avuga ko yafatiwe mu Nyakabiga. Ukutumvikana kandi kuri ku mushikirizamanza atashoboye gutomora ku bubasha abamufashe bivugwa ko boba batari bafise, hamwe n’ivyo bamwagiriza ko yatanze igiturire c’amafaranga ibihumbi amajana abiri, ariko umushikirizamanza ntabitomore neza. Umushingwamanza Fabiyano Segatwa akamenyesha ko abafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo basiguye ko ari kugira umushingwamanza abandanye kubitohoza neza.

JPEG - 35.9 ko
Umushingwamanza Fabiyano Segatwa, aburanira Ferederiko Bamvuginyumvira

Fabiyano Segatwa, aburanira Ferederiko Bamvuginyumvira abandanya amenyesha ko bitumvikana ingene uwo aburanira yogumizwa mu munyororo, agasaba ko mukurindira ayo matohoza akorwa n’umushikirizamanza, Ferederiko Bamvuginyumvira yoba ararekurwa akazoburana yidegemvya. Inyuma y’ivyashikirijwe n’abo bamuburanira muri sentare ntahinyuzwa mu gisata ca gasamburamanza, urubanza rwashizwe mu mwiherero. Mu masaha mirongo ine n’umunani akaba ariho ingingo yo kumurekura canke kumugumiza mu munyororo iza kumenyekana.


Egide Nduwimana

Messages

  • Muri make Leta yacu yokwisubirako bakiyambika agashambara kuko biraboneka ko bataye umutwe uravye dossier zimwezimwe ziri mugihugu.Akanya Imana yabatije ko kurongora igihugu ntivyari bibereye gapfe ubusa! Bimaze iki gupfunga umuntu atakosa yakoze? Ubwo Imana yaribagiye igihugu c,uburundi mukuduha abategetsi nkabo!!!

  • Mbega ubutungane Bwuburundi, umuntu yobwizera afatiye kuki? Biragoye!

  • komera mutama nta kundi burya politike si umukino woroshe....ni ukwihangana.Gutegeka burya bica mu nzira nyinshi:
    1 kuja mw’ishamba ugafata inkoho ukarwana;
    2 gutembagaza ubutegetsi;
    3 gupfungwa uzira ivyiyumviro;
    4 gushira aho intahe ishize ukoresheje amatora

  • nabado subili mutaona!

  • muzahamagare al shabab ize ikosore aba dd kuko gutwara byabananiye, jyewe ndabona bashobora gupakurura ama camions cyangwa bagakora utuzi tw’ingufu gusa. leadership na diplomacy kuribo ni ZERO

  • Wihangane turagushigikiye nukuri. Umukama azokweza ubandanya urugamba rwawe.

  • Bamurekure yidegemvyeugira asumvya ivyaha ba Gwembe bagandaguye abantu ariko bidegemvya? Ubutungane bw’uburundi burakwiye kwikubita agashi bugaca imanza ata gitsure c’ubutegetsi kuko BAMVUGINYUMVIRA ararenganywa kandi ivyo ntibiha isura nziza igihugu cacu. Ubwo butungane burabe bwikebuke vyobufasha kwizerwa na bose!!!

  • Uti: "Ubwo Imana yaribagiye igihugu c,uburundi mukuduha abategetsi nkabo !!!"
    @Philippe Nduwimana
    Mugenzi Philippe Nduwimana, ica mbere noba ndavuga, ni uko Imana/Uhoraho atihenda. Biva ku vyo wiyumviriye. Ku bwanje, kubona Bamvuginyumvira Frederiko amanika igipfunsi hama Umushingwamanza Fabiyano Segatwa agakora akazi kiwe, ni uko kuri Leta Nkurunziza Pierre hari agahengwe. Naho atacera de, twizere ko abo bose barenganywa n’abatarabona ukugene bogarukira benegihugu, Uhoraho yobamurikira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.