IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abajejwe intwaro babujijwe kwitaba amanama y’amwe mu mashirahamwe

Abajejwe intwaro babujijwe kwitaba amanama y’amwe mu mashirahamwe

mardi 12 Myandagaro 2014

Mu nama yabaye kuri wa mbere hagati y’abajewe intwaro, ba buramatari n’abakuru b’imigambwe, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabujije abajejwe intwaro mu gihugu cose ko batosubira kwitaba amanama yatunganijwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, kuko ku bwiwe ataco abo bajejwe intwaro baba bagiye kwigishwa n’ayo mashirahamwe mu bijanye n’intwaro ibereye.

Muvyatumye umushikiranganji Edouard Nduwimana abuza abajewe intwaro kudasubira kwitaba amanama yatumweko n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, n’uko avuga ko amwe muri ayo mashirahamwe yamaze kwerekana ko yegereye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD. Nk’uko uwo mushikiranganji Edouard Nduwimana yabisiguye, mu vyigwa bakoze basanze abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ataco bafise bigisha abajejwe intwaro mu bijanye n’intwaro ibereye, ari nakwo guca asaba abo bajejwe intwaro kutazosubira kwitaba izo nama z’ayo mashirahamwe, ahubwo biteho ibikorwa bigirira akamaro abanyagihugu hako "baja gutakaza umwanya muri ayo manama", nk’uko bivugwa na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Iyo mvugo y’umushikiranganji Edouard Nduwimana ije inyuma y’indwi imwe gusa abwiye bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, mu nama yari yagize nabo, ko agiye kubafata uko bari, mbere akabagiriza ko bakora poritike binyegeje inyuma y’ayo mashirahamwe barongoye. Muri iyo nama yabaye mu ndwi iheze, Edouard Nduwimana yagirije ayo mashirahamwe ko akora poritike ku bice 98 kw’ijana vy’ivyo ashikiriza. Ayo mashirahamwe nayo yagirizanya hagati yayo amwe ko avugira Reta, ayandi nayo akayirwanya.

Muri iyo nama yahuje umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu ndwi iheze, ari kumwe n’abatwara amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, haribonekeje ukutumvikana ku bikorwa ayo mashirahamwe aba yariyemeje. Amwe mu mashirahamwe yagirizwa ko akorera mu kwaha kw’umugambwe CNDD FDD, ayandi nayo akagirizwa ko avugira abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Kubw’ayo mashirahamwe yagirizwa gukorana na CNDD FDD, abatanga uburyo bwo gukora baravangura, hakaronka bamwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ubutama bubenje nkumugwayi wakwashi non,abo nabo kubujije kwitab,inama ugirubarungik,IKIRIBA?muga mayin urikuraraga urabona wimisi yaheze

  • abajejwe intwaro nibazako ko ata n,ico bagihindura koko basa n,abaza gutora arya mahera menshi mubaha. nta ku yokoreshwa mu kwigisha urwaruka bazotwara ejo. Harahakwa kuba crise ya personnalité. ikindi kigaragara ni ubwoba bw’abatinya gutakaza ubutegetsi bubabeshejeho kandi bukabakingira.

  • Ariko uwomwana waba bebe Nduwimana ,yibaza ko ariki murico gihugu??ashobora kubuza abantu ntibitabe amanama?nibayitaba azoca abakura??ariko2015 izogera ryari tubace amavya iyomihimbiri boze mumitwe babaDD,mwitegure tuzo basubiriza mudumane ico mwomenya nuko umuntu wese azi ko arilumu DD ntaze Avuge ngo ntavyo narizi kuko ntahumwe tuzosiga amatora aba ataba rindira 2015 igere

  • URAKOZE MUTAMA ABUMVA NIBUMVE ABATUMVA NABO MUZOBUMVISHA. DUKENEYE KO MUHOZI, VITAL, RUFYIRI NA PACIFIC BARUHURIRA PIERRE CLAVER MBONIMPA, BAKURAKURANWE KUJA MWIBOHERO GUFUNGWA MUKIBANZA CA MBONIMPA AMEZI ATATATATU CANKE ANANE. WUMVISE AKARIMI KABO KAVUGA BIHOME, NONE BO NTIBIFUZA KUBA BIHOME?????? NGO UMUKURU WIGIHUGU KUMUSI MUKURU WI 1/07/2015 AZOBAHE AGASHIMWE NUMUDARI KO BIGUZE MBONIMPA!!!!!!!!!!!!

  • Uwo mugabo Nduwimana jewe sindamushira amazinda ntavyiza ndigerambona yipfuriza cndd fdd ubwo mubashaka kuyihamba ntarimwo??isoko rihiye avuzimpundu,abantu bicwa ati shimwa mana,amanama yumutekano ntayerekwa!!!umukuru wigihugu narabe neza ntahigire umwansi kure kandi barikumwe nawe.murarabe neza izongarukanwa muheto

  • Nyenicubahiro umushikiranganji Nduwimana Imana ikomeze kuguhezagira vyaribibabaje kubona uwukurwanya aguhamagara akagukoresha ngwakwigishe! Ndabashimira komukomeza kubonakure.

  • Uyo mushikiranganji ari namategeko ahambaye kabisa. ehe nareke abaantu baganire kugirango uburundi butere buj"imbere uwo nukumuraba neza nikivange curusobe.

  • MANA KIZA UBURUNDI NA BARUNDI KUKO HARI ABANTU BAFISE UMUTIMA WOKUMARA ABANDI BATA BAREMYE.

  • Izo ntovyi ngo zirongoye amashirahamwe ngwadaharanira ivyicaro vya politique???,ahubwo ntanisoni bafise!,ahubwo no mugucungera amatoro ya 2015 ntituzobashiramwo,tuzoheze turabe ingene bapararangana,barigira ibihangange ukamenga nibo batwara igihugu,ico batarimwo cose ngo ntagashoboka!?.ntaco bacubaha,vyose kuribo ntakigenda,ntaco bigera bashima mubuzima bwabo,gikogwa na L’Etat.vyose nibibi kuribo.barashisha!!.

  • matana abo baso na basowanyu kobamaze abantu muri nyamyaka ya 55,65,72,88,93-2000 womenya bari baremyemwo bangahe????,barya bacishije kubuhomba nabo bari bararamye?.ahubwo wewe ntukomeye neza,nivyuvuga ntubanza kubaza umutima n’ubwonko ngo wibaze ivyo ugomba kuvugako!.

  • Mbewamunti womuri OLUCOM agezehe nayamyambaro ba Pacofique na Vital baribamushpneshereje, muntumbero yokugira atambe mumvito nka Mbomimpa? Uwomushikiranganji ashoborakuba yarize ivyategeko.

  • Arikose uwomugabo nduwimana nigatike vyose biri kuriwe?arita na presendent mugufata ingingo ewe nawe azihava wosanka ntaninkoho yigeze afatira a badd

  • @gezaho iyomyaka yose uvuze abishe abantu ni societe civile!!???Kwaribo bishe!!??ninde,yababujije kugira mushiteho CVR mumyaka 9ko mwari mubitekuriwe namategeko????kuberiki mubizanye amatora agarutse???wesha gezaho nyakugeza agahaga amaguru arimukirere ,wewe imbere yokutukana wewe amacakubiri yarakumaze ???ariko reka ndakubarire,be nabewanyu .niba mwibaza ko amacakubiri muzoyakoresha kugira mutside amatora ahibabewe!!!!!!umuhutu tutsi abatwa twarakanuye .urakajana nanyoko kuruvyiroza mufuditse izya gusuma amavyi zicitse mucikane :::::subizayo kanyoko

  • EREGA MUBURUNDI TUZOKWAMA MUNTAMBARA MPAKA TURONSE ABATEGETSI BAKUNDA ABANYAGIHUGU .KANDI IVYAKORA BARABIZI NA NKURUNZIZA.MBEGA NIRYARI TURUMVA HABAYE IKINTU KIBABAJE NKAMASOKO ASHA ,IVYIMBONERAKURE ,IVYA ZEBIYA,ABIRIRWA BATICWA AKAVUGA NIJAMBO RYO KUREMESHA CANKE ICO AGIYE GUKORA GIHUMURIZA ABANYAGIHUGU.ASIGAJE KUYUGARA.

  • Dudu "homme animé par l’excès de zèle".....gezaho wa mugabo, ivyo umaze kwica birabaye, ivyashikiye "la giswaswatitude" nivyaba bitaguhaye icigwa, woba ukanura ntubone, woba ubwigwa ntiwumve. Wahamvye Porona none ubu naho ugira uhambe Société Civile??? Uraraba neza ko mu kuja muri dd, ukagira umwete nk’uw’abasazi, KO UTOBA WAKURIKIYE UBWIJE !!!! ndavuga simvura. Abobo ntibamenyegwa, ni umusi umwe bakakwirenza.

  • We turugwane mbona waricariwe nabi nuwakwibarutse,ntandero ugukwiye yaguhaye,kandi jewe ndakubabariye bimwe bivuye kumutima,ndakugaye nawe urangaya.mbabajwe numuvyeyi wawe yaruhiye ubusa.muga mayina ntamuryango ubura IKIGUGU,niko abakera bibivuze!,nayo shahu abishe abantu muriyo myaka navuze barazwi,numakungu arabizi,abadubamye MUBINYAGANO,aho usanga nawe urimwo,nturyame ngusinzira utarasubiza ivyabarundi.iryo nishano murimwo kwihereza,nivumwe no kuruvyaro gwanyu!!,subiza .AMATONGO,AMAZU,kuko ntivyimuka,arikoFB,imiduga,’inka mwatwaye.mwigenze Ubuntu,twokwunvikana tukabibahebera kuko namwe vyinshi murivyo ntavyo mukigira,vyabahereyeko nkifu y’imijira,nkumunyu musabano.ariko musaze,mukabandanya mwenyuza bizovunjwa mugaciro ka FB,bisubizwe bene vyo.nimutekereze mwabayobemwe!!.

  • @gezaho hewe jewe sinakubwiye nabi mumico yikirundi birasanzwe nimba utari umunyamahaga?jewe ndi umurundi wukuri ,ndazi ibisokozo,ibitito,kwivuga,kuhamagarana nkakurya naguhamagaye ,,,mugabo wew e watahuye ibindi ariko ntaco, abonabo uvuga ko banyaze sinzi abaribo kuko CVR nimwe yabananiye,gushira mugiro abahutu abatutsi bari bavyuvikanye??mbega cntb yarabuze numwe wumutegetsi yanyanze???nabanyagihugu bonyene???wewe rero ntico kituma jewe ndankwanka kubera utavuga ukuri kandi ukubona bon nuit zoguhamagara uwundi musi

  • Wesha turugwane ndabonye kunyishu unyishuye kuhevye ugaca bugufi,ngo nagutegereye nabi??.ahubwo nivyo wanditse ntavyo wabanje kwiyunvira,iyubanz’ugasubizamaso inyuma ukabisoma.nabandi bariko barabisoma bifashe kumunwa,ikindi ndagikoze ahugwaye,kuko ibinyagano nabonye ko namwe mumuryango wanyu mutera,rindira gato urya mugwi CVR uri mukujaho,muzobidusubiza vyanka vyakunda,bitagenze gutyo naho.abana Banyu bazohava babiruka amoya,mbaye nkawawundi ngo umwana w’imbeba azira ugwanko gwanyina!!??!!,kwiga ntibihezwa arazosubira kwiga icitwa INDERO!,muma shure yabakuze.kuko ntiwisonera!.ahubwo ubu nayo mashirahamwe ashaka gusubiza Abarundi mukaga,tugiye kuyafuta!!.tuzoheze turabe ico mushikako,aho gukora ivy’ajejwe mumigabo nimigambi yayo,yarahindukiye aba nkimigambwe,abayarongoye babaye abanya politique bibinyoma bimwe vyomugwego gwohejuru.AKATARETSE KABA GASEMA!!.habwiwe vital,pacifique,RUFYIRI,MBONIMPA,MUHOZI,NYANGOMA,MUGWENGEZO,SINDUHIJE,Leonce,ntibagiye KIRANVU D-.mbere nabo bandi booose bashaka kwigira akagarama ruganda.

  • @gezaho hewe sanze wewe utuva icarico kubura indero,nokumenya akaraga kigihugu ??nimba utazi icarico guhamagarana nakazi kawe !!hewe uti va mubanyaze ehe ndakwemerere ,ego?? Ndumututsi yanyaze???cntb igire ifashe abahutu kubasubiza ivyabo??nibaza ko arinyishu ishaka!!?ndakwibarize ??rumonge ,mugara,gatete,kigwena,mabanda,vugizo,etc kumoso ,giheta,gishubi,rago,kirundo,etc wibaza ko ari umutsi ahomba ??numuhutu???uti kuki wakigugu we bagaza yafashe akura,ico bita ubugererwa abahutu bandi aca abaha amatongo atawurimwo ,ja muri sud uzo sagayo abahutu bava za kayanza barose amatogo murubwo buryo bitavuga ko banyaze,@gezaho reka kuja kumohe yaba DD kot

  • Wesha turugwane nsanz’urikigwarudubi!,ivyuvuga ntavyo uzi,erega Bagaza ntamatongo yabatutsi yatanze,yatanga amatongo yabo yita abamenja,nabo sabandi bari abahutu gusa,uwagiz’imana agashika za tanzaniya,congo nahandi uwo n’uw’imana yakunze,Nanje ndakubwira ndinfyuvyi yasizwe nabo bacishijwe kubuhomba ngo nabamenja,mutasubije IBISAHURANO ntamahoro muriko muraronka ndakurahiye,akari inyuma karahindasha!!!,nayo CNTB ishingimizi mugihugu yubahirize abahohotewe,ABAHUTU bahohotewe na batutsi bamwebamwe binkozi zibibi,abo nokwita abajenjeka.bafukamye igihugu munda.ikindi womenya turugwane nuko abasoma ibi turimwo twandika,bazi gusobanura icatsi n’ururo,hagati yajewe nawe,canke nabandi,UKURI AHOKURI NTIKWIHISHA,KANDI GUCIYE MUZIKO NTIGUSHA!!,UKURI KWAMA ARI KUMWE KWISI YOOOSEEEEE!.kandi ntusubire kunyandikira,nsanze uvuga ivyutazi!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.