Accueil > Amakuru > Poritike > Abakenguzamateka bazoserukira igisagara ca Bujumbura bamenyekanye
 Abakenguzamateka bazoserukira igisagara ca Bujumbura bamenyekanye
 Abakenguzamateka bazoserukira igisagara ca Bujumbura bamenyekanye
				
				vendredi 24 Mukakaro 2015
Abakenguzamateka babiri bazoserukira igisagara ca Bujumbura mu myaka itanu iri imbere bose bava mu mugambwe CNDD FDD.
Remy Barampama yatowe kandi kurongora ikomine ya Ntahangwa n’umukenyezi Aimelance Ahishakiye nibo batowe n’abagize inama mpanuzwajambo z’amakomine atatu y’igisagara ca Bujumbura.
Abo bakenguzamateka batowe ku majwi 32 y’abari bitavye bose ayo matora.Mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana ,bavuze ko bahisemwo gutanga amajwi yabo ku mukenguzamateka Remy Barampama.
Urunani COPA rurongowe na Jean de Dieu Mutabazi rwitavye amatora naho nyene ata mujenama wa komine bafise mu gisagara,ariko mu murwi utegura amatora bavuga ko amategeko abirekura.
Van Naris Mugisha

Messages
24 Mukakaro 2015, 18:30, par Joli
Ntibitangaj Aba Dd Bategerezwa Gutsinda. Ariko F N L Ya Jacqu Iratwenza Iyo Batuma Biha Ijw !
24 Mukakaro 2015, 20:06, par jeremie
hahahaha uyo ahishakiye numu dd mubi ataneza ashakira abarundi namba ariko mana we abarundi turagowe imana nidutabare
24 Mukakaro 2015, 20:10, par gertrude
ahishakiye emerance numuhabara wa nyamitwe ntagitangaje kirimwo yategerezwa kumuha ikimubereye
24 Mukakaro 2015, 21:17, par Munyagihugu
Oya nsubiriramwo neza. Urunani Copa rwitavye amatora ata mujenama numwe rufise? Uburundi ni iyundi continent nshasha !
25 Mukakaro 2015, 08:25, par Itangishaka Ménélick
Munyumvira Fn Na Copa Batoye Nde Kwatantebe Bafise?N’amayobera,bazobagir’ikiraro.@
26 Mukakaro 2015, 19:04, par munyagihugu wumutima
ahishakiye emerence numuhutukazi naho bavuze ngo numututsi sivyo niya nkina muco yamatora ntakindi