IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatavuga rumwe n’ubutegetsi batanguje urundi runani rw’abashaka (...)

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi batanguje urundi runani rw’abashaka ihinduka

jeudi 11 Kigarama 2014

Imigambwe itandatu n’abakinyi ba poritike babiri bose batavuga rumwe na Reta bamenyesheje ko biyunze kugira baze bahindure inzego mu matora yo mu 2015, mu ntumbero yo gukura igihugu mu ntwaro bita iy’agahotoro n’akarenganyo gakorwa n’umugambwe uri ku butegetsi.

Mu rwandiko rwateweko umukono n’umushingamateka Karori Nditije (UPRONA), Rwasa Agathon (FNL), Umushingamateka Yohani Minani (FRODEBU Nyakuri), umwigisha Ndereya Nkundikije (Vert-Intwari), Ndorimana Benoit, Baricako Aloys (Paside-Imboneza), Haramategeko Hugo (NADDEBU), Nditabiriye Dismas (Raddes), bamenyesheje ku mugaragaro ko bagiye kwitabira amatora yo mu 2015, bahuriye ku migambi imwe yo gushayura igihugu.

Nk’uko vyashikirijwe na Rwasa Agathon avuga ko arongoye umugambwe wa FNL, urwo runani rushasha rugiye gukorana nabo bose bavyipfuza, banyotewe kubona intwaro yita "iy’agacinyizo" ya CNDD-FDD isezerewe, kugira bategurire kazoza keza urwaruka, rwo kazoza k’ejo. Aho muri urwo runani bakamenyesha ko bazonashikiriza uwuzobaserukira umwe mu matora yo ku rwego rw’umukuru w’igihugu, n’abazokwitoza mu nama nshingamateka, hamwe no mu zindi nzego z’igihugu.

JPEG - 29.6 ko
Agathon Rwasa

Muri urwo runani bamenyesheje kandi ko bagiye gushira ahabona mu maguru masha imigabo n’imigambi bahuriyeko, iyo nayo ikazoba ifise intumbero yo kwubaka Uburundi burungwa n’amahoro, ubumwe n’iteka. Bahamagarira abari mu migambwe iyariyo yose, yaba abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, canke abari muri CNDD-FDD, ko bokwiyunga kugira bakure igihugu "mu ntwaro y’agahotoro n’akarenganyo".


Alida Sabiteka

Messages

  • JEWE IYINKURU NAYISOMYE NCAMBONA IRATOMOYE NEZA CANE KUKO NTA TUNENGE TURIMWE KUKO NARI KUBONA KO IDATOMOYE YABA BIYUNZE KUGIRA BATEMBAGAZE UBURUNDI. NONE KO BIYUNZE KUGIRA BAROKORE UBURUNDI NABARUNDI JEWE MBAYE NDABAKEZA KANDI BARIBARATEVYE ARIKO GUTEBA NTAWOBIBAHORA KUKO UMWANYA WIMANA NTIWARI BWAGERE. IMANA IZOBAJE IMBERE GUSHIKA KUNTSINZI. MURAKOZE.

  • tubasaba kutiyunga ngo batuzanemwo intambara gusa nayo amatora abadede batsinzwe botekereza

  • reka mutama rwasa guhendwa ukuze!!!mukirundi baca umugani ngo igiti ntigigukora mujisho kabiri;canke ngo inkire ntikira kabiri aho wunva aramahoro kuba wicaranye nabobagabohuhuhu urarenvye!!!iyutuma wiyunga na cndd fdd kuberabo mwarasangiye ubwieza bwishamba ahohoho uragiye namazi.nabwabwato bwawe sinzi kukibufise bwogufashije!! ikibiri nubi kiracasambuka kubrera abakigize bose biyita abahinga ariko nibi juju jewe nzi kuva kera ikibiri arico kurima.ariko vyukuri uwo mutama ndizeye uramuzi neza?? urabaza neza abamuzi aho ninkugusangira potaje yamateke.gusa abanyagihugu mwaramaze kutubona ku turi umupira mutera uko mushatse nabatambaye godiyo bashaka gukina.

  • Emwe baratereka birame mbone. Nibabure kuja kumavi bihane nyabuna ingene bagenda baracafuza igihugu cabibarutse n’ab’Imana yagishize hejuru ngo bakirongore

  • Ahorero murakaze kwiyunga tuzobashigikira ijana kwi jana

  • Je nagira ngo biyunze kugira ngo bateze imbere ubutunzi bw’igihugu n’umunyagihugu, sinarinzi ko ari ukugira bashikire ubutegetsi! Ari uko, ntaho tuvuye kandi ntaho turiko turaja, kuko nibashikira ubwo butegetsi, uwuzoshaka kubuhinyuza bazomugira uko aho bandi bariko barabagira. Intwaro yose izoza itarondera iterambere ry’umunyagihugu mu bice vyose bimugize, izoza ikoresha agahotoro n’agakengere ako bibaza ko bariko bararwanya.

  • tarataza murabe, ariko l’interet rassemble les gens mais ne les unie pas, basha mukazohuriza kuri liste imwe mwese muzoba mutsinze, hamwe rwasa abanywanyi biwe, minani, nabo bandi mwokemura ikibazo cama listes muzoshirimbere mumatora atawuryanye nuwundi umuntu azobakurira inkofero, nayo ako karimi gasosa koko ntako dukeneye turakamenyereye muri poritike, ntamisi iheze rwasa twumva ngo atwara ikibiri iyo vya paranganiye kugira bamwinube ntawuhazi, reka rero tubirindire ariko na CNDD-FDD ntiriko iragona kandi benshi muri mwebwe mwarakoranye murazinanye kwibaza rero yuko harico muzopfundika aba DD batazomenya biri kure nkukwezi, kiretse nyene mugerageje kuburizamwo amatora hakaza amagaburanyama.

  • Rwasa na Nditije bishinze guhuza ibihushane! Jewe mbona ari umugambi uhanitse! Niyo bagira ico bashikako, abantu bazobakurira agakofero! Kuko abanywanyi babo kuva kera nibo biyita intagondwa ku mpande zibiri! Urumva ko hamwe boshobora kwumvikana yoba ari isemo itari nto mukugana tuja mu mahoro y’amoko! Mugabo rero jewe nzovyemera ndabibonye! Kuko nitwa Thomas!

  • je mbona aba dd shaka Bagatekereza kuko barayuciye ngo urucira mukaso rugotwara nyoko ibibi aba dd bakora birarenze aho ntibabona kongwabuzuriyeko ehhh

  • Ndabaza nonemuzokoriki nimwaramuka mudakuyeho iyontwaro yagahotoro mwavuze? Muzoca mutugumiza kunkeke yiterabwoba ryirementanya iyindimyaka itanu gushika 2020? Ibindabivuze kubera harihabantu barikobaravugako barambiwe kuguma barinyumaya Rwasa, na Nditije abobose bakavugako ba Yakobo na Cocillia ngobiriko biribonekeza kobabonye kure.

  • MbegA I Foto ya Nditije ko mwayiciye ga yemwe ,heureusement ko kuri site ya Isanganiro Nditije arimwo ! None nkuko bivugwa jiurnal igihe niya concillia????

  • Ahubwo ni murondere n’abandi murab ko harico mwohanoba hamuwezi!! Kuko amajamb yanyu muvuga aruta ibikorwa mukora sinzi rero ko umwenegihugu muzomwereka ibitabo vy’amajambo mwavuze

  • Rwasa politike yamunaniye kweli ashaka yoyivamwo,nta ndwi irahera ashikirije yuko azokwitoza kugatwe kiwe nk’uwigenga none ubu naho ageze hamwe na MINANI na NDITIJE nimba afise uwumuhanura yogikorerako akabanza akaja mw’ishure akiga abo bagabo ukwari babiri abaribo hanyuma akamenya iyo avuye niyo ariko araja nayahandi baramuta mukaga abure vyose nki’ingata imenye.Yewe RWASA nimba usoma ibi twandika utabanje kuja mwishure ngo bakwigishe ivyabo bagabo rekana na politike kuko ntaco uzoyikuramwo.

  • Jewe n’ukuri ndasemereye ndasavye abatwara iki gihugu bisubireko bamenye ko ibihe vyahindutse tutakiri nka kera abantu bicwa bikaba akamizwe n’ingoma. Turumva hirya no hino ivyo imbonerakure na ba rukoti bakora Leta irorera!!! Aho hose turazi ko cane cane umugambi bafise ari uwo kugirira nabi abarundi batiyumvira kimwe numugambwe uri ku butegetsi.Ego , imigambi nkiyo irashobora gutegurwa mbere ikaja no mu ngiro mu gihe ishigikiwe n’abategeka igihugu.Ivyo bigaragarira mu kungene amatora ariko arategurwa mu busuma atacamira.Ubusuma bw’amatora buragaragara ukamengo n’ubuhizi kandi imisi yose iyo bibaye uko amaraso y’abene gihugu aseseka ukamengo hapfuye isazi. Barundi bene wacu cane aba dd murikebuka kuko amase ya kera atagihoma urutaro.Mwibuke ko hari abemeye gusesa amaraso bashaka guhabuza démocratie none ubu turiko dusubira i buti.Ndabona ko abarundi bashobora kwiganzura bagahagararira démocratie mu BURUNDI mu gihe bovavanura na mpinga yanje na ka mwana wa mama.Shi

  • basha gerageza kaibisa yamara izo alliance ntaho zishikanye abo bantu!!!nta uprona ,na fnl ,nta frodebu bagiye hamwe!!CNDD-FDD ramba

  • Ter’imbere batama turabashigikiye.

  • Tuzobatera eteka ribakwiye imana abafashe mumigambi yanyu

  • Izo Nani zamisi yose ne (Valoir) rien je vous demande defournir des actions que glaguiner ausio!

  • Pole sana,ayo nayinda,abanyepoliti babarundi twarabahinyuye

  • jewe inco nku murundi akunda igihugu ni abarundi ndasavye nsaba abanyeporitike nukuri bicare hamwe bose bumvikane ntakamaro ko kuryana imisi yose kubera twese tri twese tuva ku kiremwa C’IMANA ariwe Adam na Eve nukuri nta kindi dupfa nugukunda ubuzima bwisi cane tukibagira iyo twavuye kandi tuzobisiga ntawuzogenda avyikoreye niyapfa nukuri nimuze twese twubake igihugu cacu catureze tureke kuryana nka kagomba ni nkoko nukuri tubireke tubireke twese dukundane

  • Nahora numva abo hambere bavuga ngo "Imisega ibiri inesha imbwa", reka turindire turabe ko hari ico izo nani zoshikiriza abarundi n’amakungu baguma binyoterewe gishasha, kibe kibi mugabo kibe gishasha. Turabakeje ko bashoboye kwiyunga, mugabo amashi tubaye turayababikira, tuzoyabaha batweretse ico bashitseko.

  • Turavyishimiye twebwecanecane aba FNL kukonibaba atarukuduhendera umuramawacu nizereko ariwebazocabatora kubabera umukandida mumatora yumukuru wigihugu kugira bamufashe gukomeza ubudahangarwa nizererero kwariwe bazotora nakare niwafise abanywanyi beshi bakaramuka atariwe batoye twebwe abamurinyuma dutegekanya kotuzoca dutora FNL (Yakobo) canke DD

  • Mbe ko uvuga ayamuhe. Wibazako Minani ataziko ari ya mayeri yaba extremist ba batutsi birondeza aba allies nibamara gushika ku butegetsi bace bamucisha ko wepfo. Mwarabonyeko abahutu ari ibijuju. Muzeze mubesha abo bakunzi binda babanyapolitique gusa. Bamina ko yari abashigikiyye mwamugiriye iki

  • Naho muvuga ko Rwasana Minani politique yabananiye mu kwiyunga na batutsi,ngo basenyure intwaro ya cndd fdd, Nditije Twebwe yatuyobeye!Kutuvanga na fnl ntasoni,n’ingene rwasa yanka abatutsi kubera ivyo bamukoreye!Reka Bab’exploité ariko mumenyeko ata mututsi yo kwubahuka gutora umuhutu,noneho twebwe tuzoca twitorera MSD ,ivyo bihutu ba Rwasa na ba na Mi8,bareke bajebajebe kuko aba dd bobo baripanze baradutsinda ntakabuza.

  • Ndashimy cane urunani rwaba bashingantahe,ariko nkuko abatari bake babivuze,ntibiyunge mu kurondera kwihora n’ibibaraj ishinga kugatwe kabo,yamara biyunge mukuronderera amahoro n’iterambere UBURUNDI n’ABARUNDI.kuba harabaye amoko mugihugu,ivyo ntaco vyadushikanyeko ntanico bizodushikanako.kurico ndakej abo bagabo kubona nabo bariko barabibona naho atawuzi ikiri mu mutima w’umwumwe.Imana ibahe kudahemana.

  • Ewe Rwagasore iyo ubona aho UPRONA igeze bamwe batwawe na dd abandi na fnl mbega yemwe umuhero w’isi urageze canke?

  • iyitworo niyokunguvu nibareke gutwara abarundi babacurice ntmatora yumuntumwe dushigikiy

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.