Accueil > Amakuru > Poritike > Abibaza ku mubano w’Urwanda na Tanzaniya bahanze amaso inama izobihuriza i (...)
 Abibaza ku mubano w’Urwanda na Tanzaniya bahanze amaso inama izobihuriza i Arusha
 Abibaza ku mubano w’Urwanda na Tanzaniya bahanze amaso inama izobihuriza i Arusha
				
				lundi 26 Myandagaro 2013
Abahinga mu vy’imigenderanire n’ibindi bihugu bo mu karere, baribaza ku mubano uri hagati y’Urwanda na Tanzaniya, ndetse bahanze amaso inama buca ibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga uyu mwaka, iyo nayo ikazohuza abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko.
Aamakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Igihe.com mu Rwanda, bavuga ko muri iyo nama bishoboka ko izitabirwa n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame ndetse na Jakaya Kikwete asanzwe arongoye igihugu ca Tanzaniya, bitegekanijwe ko hazirwa ingingo zijanye no guhuza politike y’ibihugu vyo mu karere, n’ishirwaho rya Leta imwe. Iyo nama kandi izosuzumirwamwo ibijanye n’ishirwamungiro ry’ifaranga rimwe, kandi mbere n’ibijanye n’ishirwaho ry’igihugu kimwe, mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko bishobora kuhavugirwa nk’ukuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru The East African.
Ico kinyamakuru rero carabajije abahinga mu vy’imigenderanire n’ibindi bihugu batandukanye bo mu karere, bakibwira y’uko batewe impunngenge n’imigenderanire itari myiza iri hagati y’igihugu c’Urwanda na Tanzaniya, ko bishobora gutuma ibijanye n’ishirwaho rya Leta imwe n’ifaranga rimwe bidindira. Umwe mu bahinga mu vy’imigenderanire atashatse kwivuga izina, yavuze ko hari vyinshi vyobanza gukorwa bigatanga itunze ndetse n’icizere. Ivyo rero ngo bishobora gutuma ibitari bike bidindira amezi n’amezi canke se n’imyaka.
Imibano hagati y’Urwanda na Tanzaniya yononekaye igihe umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Kikwete yasaba igihugu c’Urwanda kugiriranira ibiganiro n’umurwi w’abarwanyi ba FDLR, ugizwe na bamwe mubakoze ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka w’1994. Uyo muhari rero ukaba wagirizwa na Leta y’Urwanda ko ufise ivyiyumviro vy’amacakubiri afatiye ku bwoko. Urwanda rukaba rubandanya gusaba FDLR gushira ibirwanisho hasi, ndetse igata nk’akanuka imigambi y’ihonyabwoko, n’ivyiyumviro vy’amacakubiri afatiye k’ubwoko, maze aba gize uwo muhari bagatahuka,bagaheza bagashirwa mu buzima busanzwe.
Abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Twitter, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe ukwivuna abansi James Kabarebe, yavuze ko uwariwe wese mu barwanyi ba FDLR azipfuza gutahuka mu mahoro, azobifashwamwo, gusa akaza atagatima k’ivyiyumviro vy’ihonyabwoko azanye mu gihugu.
Aristide Nizigire
