Accueil > Amakuru > Poritike > Amahirwe ni make y’ukwemererwa gukorera ku mugaragaro kw’urunani (...)
 Amahirwe ni make y’ukwemererwa gukorera ku mugaragaro kw’urunani RANAC
 Amahirwe ni make y’ukwemererwa gukorera ku mugaragaro kw’urunani RANAC
				
				samedi 7 Ruhuhuma 2015, par
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA amenyesha ko ubushikiranganji arongoye budashobora kwemerera urunani RANAC ko rukorera ku mugaragaro. Kubwa Edouard NDUWIMANA, amategeko ntiyemera ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe (Acteurs politiques) biyunga n’imigambwe.
 
- Abakinyi ba poritike Rwasa Agathon (i bubamfu) na Karori Nditije batagira imigambwe yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu
Mu gihe urunani ADC IKIBIRI rugizwe n’imigambwe ine gushika ubu ariyo SAHWANYA FRODEBU, FEDS Sangira, SONOVIE, hamwe na CNDD irongowe na Léonard NYANGOMA, ruheruka kwemererwa gukorera ku mugaragaro, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA amenyesha ko atarota yemerera gukorera ku mugaragaro urunani RANAC rugizwe n’imigambwe FNL ya Rwasa Agathon, UPRONA ya Karori Nditije, FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, RADDES, PARIBU, PASIDE IMBONEZA, A.D.R, NADDEBU.
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA asigura ko amategeko adategekanya ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe yemewe (Acteurs politiques), biyunga mu runani n’imigambwe, aho umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akavuga Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL, hamwe n’umushingamateka Karori NDITIJE avuga ko ariwe aramutswa UPRONA.
 
- Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Ku vyerekeye ukwitoza kw’abo bakinyi ba poritike batagira imigambwe yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA avuga ko igihe c’ukwiyamamaza nicagera, ko umurwi utegura amatora CENI ariwo uzomenyesha namba abo bakinyi ba poritike boja mu matora bari mu runani n’imigambwe yindi.
Egide Nduwimana

Messages
7 Ruhuhuma 2015, 23:09, par Nuwera
Aboba Rwasa na Nditije, kwivyobakoze birimwo urukundo nukuri nibace binjira mwiyomigambwe yaba Yohani Minani canke iyoyemewe izwi maze bahejeje kuyinjiramwo bazoce bashirimbere umwe murabo ba Rwasa canke Nditije abariwe yitoza mumatora yumukuru wigihugu, hahahahaaa Minani sinzimugabo koyobemerera, Rwasanawe ahohose yoja akaramuka atariweyitoje abamwita mutamawabobose ntiwomenya iyobanyikiye, bamushizehonaho ngwabariweyitoza abanwanyi ba Nditije nu Burundi bohakwakubuhunga, yemwe ivyabobantu ntivyoreshe.
8 Ruhuhuma 2015, 12:55, par fire
jew ivyo ntibintangaza kub edward yankeyi RANAC gukora kumugaragaro iconziko EDWARD aratinya agathon RWASA ko yohava ab presida ngo amukur kubutegetsi me yanka yemera umugambwe cndd fdd avamwo utegerezwa kuva kubutegetsi
8 Ruhuhuma 2015, 15:17, par kwizera
ewe nduwimana kurubwoba wewe utegure ivyawe Imana nayo Izotegura Ivyayo ntamvura idahita
8 Ruhuhuma 2015, 15:59, par jpierre
umushijiranganji nduwimana numukozi wa cnddfdd mugabo reka tumurindire ivyiw birazwi na makungu eka nabanyabusinde biwabo yagomoreyko aba police ntibizomwerera umupfasoni wiw ngo arasenga ariko naw agashigikira abarota amabi wait and see for this man
8 Ruhuhuma 2015, 16:23, par Ntacontemanga!
Nuwera uvuze ukuri!icowibagiye nuko abatutsi bafise kamere bisangije!kuko nubwo bokwemera ko umuhutu kanaka yokora neza,baguma bibuka ubwoko bwabo aho bwamye! cane cane abi mwaro na bururi! ivyo birimungorane uburundi bufise!
8 Ruhuhuma 2015, 23:55, par Jean Claude BIGIRIMANA
Izo ngorane zose nimwe mwazikwegeye . Kubona i arusha ,mwemanga ko mugiye gusangira ubutegetsi mwitwaje ubwoko .Iyo muca mugira nimigabwe y
ubwoko niho vyari kuborohera. Irya yabaye intango mbi ,akarorero kabi kubanyagihugu bose . Nimwe mwagiye kubandanya ivyo abazungu badushizemwo. Bogora mutarasesa . Abanya politique ntimwari benshi mu Burundi kuburyo mwonanirwa nugusangira gutwara neza igihugu . Mugabo nimba mufya yamagabura nyama ? inyama zirahuma, amaraso arahuma. Muzovuga ngo muri Bibiliya birarekuwe ; ivyo ni inyuma y’’umuvumo twaronse. Amadini amwe avuga ngo amaraso niyo abujijwe kurya; mushobora gutandukanya amaraso gute ninyama kandi ariyo buzima bwazo? Hinduka ntihararengerana ,kubera uwushaka kurondera ubuzima nabi azobubura. Mwibuke kwatawusomera induru ivuga
9 Ruhuhuma 2015, 21:59, par Nuwera
Arikogamugenzi Jean Claude Bigirimana, ivyuvuze ubona vyarikumaririki abarundi nabarundikazi mugihe barimumishikirano Arusha imigambe yarikomeye yose yaririmwo amoko atandukanye yabarundi, nkuwarikubwira CNDDFDD ngoyirukane Nduwimana wimfatarikuba ayigoye? Uwarikubwira UPRONA ngoyirikane Nditije ntiyarikuba ayigoye? Uwarikubwira FRODEBU ngoyirukane baryabatutsi bafashNyi na Ndadaye muguharanira democratie ntiyarikuba ayigoye? Ndakubwirako bariya bantu barimuri Arusha baragerageje uwobashimira ntiyobayihenze.
10 Ruhuhuma 2015, 23:45, par mutoka
Jewe ndatangazwa nabenewa mbegaho munfiki vyo tuzobisigaha mbega mobutu yobarihe ?
10 Ruhuhuma 2015, 23:45, par mutoka
Jewe ndatangazwa nabenewa mbegaho munfiki vyo tuzobisigaha mbega mobutu yobarihe ?