Accueil > Amakuru > Poritike > Amajwi y’abashingamateka b’abatwa ntaco yafashije mw’itorwa ry’ibwirizwa (...)
 Amajwi y’abashingamateka b’abatwa ntaco yafashije mw’itorwa ry’ibwirizwa shingiro
 Amajwi y’abashingamateka b’abatwa ntaco yafashije mw’itorwa ry’ibwirizwa shingiro
				
				samedi 22 Ntwarante 2014
Umugambwe CNDD FDD wabuze ijwi rimwe gusa kugira inama nshingamateka yemeze ibwirizwa shingiro ryari gushoboza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwitoza mu kiringo kigira gatatu mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Imirwi ibiri (abashingamateka ba UPRONA n’aba FRODEBU NYAKURI) y’abari kumwe n’umugambwe CNDD FDD mu nama nshingmateka yarasohoye urwandiko, aho yamenyesheje ko itarota yemeza ibidahuye n’ingingo bari bumvikanye mu biganiro vya bose, ikagiriza umugambwe CNDD FDD ko woba ushaka kwiyorohereza mu gutora ibwirizwa nshingiro rifatiye ku nyungu y’uwo mugambwe harimwo n’ukworohereza, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gushikira ikiringo ca gatatu.
Abashingamateka b’abatwa ntibateye umukono kuri urwo rwandiko rwerekana aho bahagaze. Mu mirwi itatu y’abari mu nama nshingamateka turetse CNDD FDD, abateye umukono kuri urwo rwandiko ni umushingamateka Bonaventure Gasutwa arongoye umurwi w’abashingamateka ba UPRONA, hamwe n’umushingamateka Gahungu Juvenal arongoye umurwi w’abashingamateka ba FRODEBU Nyakuri.
Umugambwe CNDD FDD wagumye wizeye ko iryo bwirizwa shingiro rizotorwa, kuko mu majwi 4 bari babuze, bari bamaze kuronka amajwi atatu y’abashingamateka b’abatwa, aho bikavugwa ko bari babemereye ubushikiranganji muri Reta kugira bafashe CNDD FDD kwemeza iryo bwirizwa shingiro. CNDD FDD yari yizeye kandi ijwi rigira kane rya Boneventure Niyoyankana, ariko siko vyahavuye bigenda, kuko Niyoyankana ku munsi w’ejo kuwa gatanu yaraje mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ariko aca asohoka imbere y’uko batangura gutora. Amakuru yo kwizerwa amenyesha ko ibiganiro na Bonaventure Niyoyankana vyari vyamaze guhera, bakaba mbere hari n’amafaranga atari make yari yemerewe, n’aho atabaye acubahiriza uwo mukenyuro.
 
- Alfred Ahingejeje, umukuru w’umurwi w’abashingamateka b’abatwa
Inyuma y’amatora, basanze iryo bwirizwa shingiro ryemejwe n’abashingamateka 84 kuri 85 bari bakenewe (81 ba CNDD FDD, hamwe na batatu b’abatwa), aho mukumva ko ivya bine bitanu vy’amajwi yari akenewe bitakwiye kubera iryo jwi rimwe rya Boneventure Niyoyankana ryabuze. Iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro yaciye isubizwa inyuma.
Egide Nduwimana

Messages
22 Ntwarante 2014, 13:54, par Willy
BARIHENDA IMANA ISUMBA NKURUNZIZA N’ABO BATWA BAHEMUTSE BONAVENTURE KOMERA IMANA IGUFASHE NTUBE NKA ESAU MURI BIBILIYA
YAKAVYE UMUGISHA NIFUNGUGWA ZIHERA. ABATWA MURATUMARAMAZE
TUGIYE KUBAVA INYUMA TURONDERE ABADAKANGWA N’IBIRAYI MW’ITAMA
22 Ntwarante 2014, 14:11, par burundi
Abatwa bazokwama arabacangero uko nyene.naho bokwiga bakaminuza ntibaca ubwenge nkabandi.ntibaziko umuntu ahinduka?arakwemerera ibi bwaca akaguhinduka.bonavantire nawe urumunyabwenge kabisa,abatutsi mubisanzwe mwamanyubwenge.aho bayaguha bwaca bakakuniga.wakoze nkumugabo nyene.nibamaramare.
22 Ntwarante 2014, 14:24, par Come
Imbwa naho uyijana iburaya iguma yitwa IMBWA umutwa naho umushira munama nshinga mategeko aguma yitwa UMUTWA ,ubucuti bagiranye na CNDD sibwo bagiranye nabarundibose CNDD igiye ntibaze bagorane ngobakene ivyo bahabwa banse kunvira abandi barundi , aho twababonye ivyabo murakoze
22 Ntwarante 2014, 14:36, par sivyubu
abatwa bazoguma ari abatwa hakuba abatware,ayomahera basesagura kugira ritorwe ntiboyakoresha imigambi ya leta,imywaka10 ntarahagubutegetsi niyemere demokarasie ashira hintahishize ahogusesaguramahera canke aje gushingamasengero azogumarumutegetsi
22 Ntwarante 2014, 16:18, par Mahirwe.
Abatwa bazokwama arimbwa basibiriza akumbati jewe narababwiye kuva kare izombwa zabatwa bagiye kuvyemeza none invugo ibayingiro.
22 Ntwarante 2014, 18:43, par Bizabishaka Innocent
Eka Nkurunziza Naruhuke Ahe Abandi Batware, Kuko N’abandi Barashoboye Kubera Les Irremplacabl Remplissent Les Cimetieres" Adage Francais.
22 Ntwarante 2014, 19:09, par Tubirabe
Mbe ndababaze mwe mukurikiranira ibintu hafi arusha siyo yoba yatumye abo baterampongo baba icobari ubu?Hamwe yoba ariyo bakaba,bagomba kuyifuta nabo muzoce,babakura mubashingamateka kobashatse kubwikuramwe bibandanirize kwihigira Impongo ega barabikumbuye guhiga.Na Arusha niyoyindi guhamagara,abantu baribibereye,guhiga impongo,bagiriye ikigongwe impongo.
22 Ntwarante 2014, 22:13, par leonidas
Nibateswe bate ivyobakora vyahinyutse
22 Ntwarante 2014, 22:35, par NIBEMANGE KWARABATWA!
ABO BATWA IVYO BIBANZA!TURABIBATSE KUKO ARI BACUMITA BIRAKWIYE,NIBAZE KO BATAZOSU BIRA MU KIGOBE KUKO MUBISANZWE SIBOBONYENE BAKWIYE KUGENDERA MWIKOTI RYA CNNDD-FDD!
22 Ntwarante 2014, 22:35, par Sivyubu
none abatwa wobaha ubushikiranganji bwibidukikije!inyoni ,impongo,ibihama nibindi ntibibe bigowe!nabone ubu nibaze bitoza turabe uwazobatora,bazokwama ari ntajambo,nibabahe ubwo kwimbibihama ubushikiranganji.
23 Ntwarante 2014, 06:34, par swing
Ni kuki aba president b.Africa biyumvira gupfira ku butegetsi misi yose?ubu kuva aho yegeranirije ntarakwiza?Habuze abagabo muri CNDD FDD badashaka ko amaraso yasesetse muri libia,Egypt,na Cote d’Ivoire,n,ahandi atoseseka mu Bdi?Imana wiyegereza misi yose irayisaba ikubwire ihere ryawe petero.
23 Ntwarante 2014, 11:22, par commander
Ndagushimiye nya kubahwa president,wewe ufata ingingo zihutihuti zitagira icozifatiyeko.Nongera ndagushimira ukunt’urongoy’Igihugu kibandanya kigenda kigwa,mumanga.utandukanye nabandi bapresident batwaye kw’isi ikibabaje ni1n’ukuntu u Burundi buri gusesa amaraso kandi atantambara yariho.
23 Ntwarante 2014, 11:29, par Nahayo Bernard
Erega ni co gituma babita abatwa!Batwarwa mu kwaha.Mbega abo batwa bashitse mu namanshingamateka gute?Bavundurutse he?Kumyifato nkiyo mubona Uburundi buzotera imbere gute?Ni ukuri nimba benshi mubashingamateka bameze uko, Imana igarukire Uburundi n’ abarundi.Kanatsinda abarundi barakwiye gutora ababaserukira babizigirwa bazobagirira akamaro kandi mu Burundi bariho. Mana Kingira Uburundi n’ abarundi!
23 Ntwarante 2014, 11:54, par Nelson
Nagiranshimire bimwe bivuye kumushaha abashingamateka ba Uprona hamwe na Frodebu nyakuri nongea nterevyatsi abashingamateka babatwa mvugati nibabe baraba aharukuri apana guhendwanibitariho.Twizerekoico arikimenyetso cuko nomuri 2015 bazotsindwa.
23 Ntwarante 2014, 13:43, par KIMARU
Abatwa Muzokwama Mwigayisha.Erega Ukwo Mwifashe Niko Tuzobafata.Kirazira Gucumuzwa N’akamanyu K’umutsima.Mbe Burya Mandera Ntiyozarabera Ishure?Niyoyankana Bereke Ko Utarumwana Baguburira Yasama Bagasukayo Akamira.Bera Abo Batwa Isomo.
23 Ntwarante 2014, 18:32, par Kirinyota
Ntarindi ry’abatwa; nta jambo bigeranye nahandi. Bakwiye kuguma babumba ntankindi. Vive UPRONA de Nditije, Vive Minani et ses députés. Vous avez honoré le peuple que vous représentez.
23 Ntwarante 2014, 20:08, par GEZAHO
Iryo bwirizwa shingiro tuzoritora twebwe abanyagihugu dushigikiye ubutegetsi buhari,kanatsinda nitwe twabushizeho,nitwe kandi tuzobwongera ikiringo cokurongora igihugu!,ndabona ko benshi mwanditse muvuma abatwa,mubacira nurubanza,ariko mwibagiye kwa batwa nabone bari banigiwe mumenshi nambwe nyene muriko murabavuma,nico barico ubu nukubera CNDD-FDD.yafashe umuheto ikivuna abo bahemu,bahemukiye abandi kuva kera.nubu rero turi oyyyyyeee.ntimukorako muri2015.tuvuga amajambo make yukabasha ibikogwa,iyo mitego yose mudutega turayibona,kandi dutegerezwa kuyitegura.ariko ico nobasaba mukabona muri2015 ntibigenze uko mubishaka,muzigumye kuryakwa2010.ntimuzosubire guhunga igihugu,kandi ntimuzosubire kuvuga ngo mwibwe amajwi,murunva iyo nduru muriko muravuza?.ubwo ntasoni gayemwe.nimutekereze!!!!!!!.
24 Ntwarante 2014, 06:41, par Kazoza
Imana nsenga yaraye ikingiye Uburundi amaraso yosesetse.Ncumva iryo tangazo ko bazotora, naciye mpfukama ndasenga nti Mana werekane ko Ukiriho kandi ko atakikunanira.Imana ishimwe yaraye ikoresheje Igikona(Niyoyankana) mu kugaburira abarundi inyama.
24 Ntwarante 2014, 08:29, par bip telecom
PETER NDAKWEMERA I WAWE VYOSE BIRASHOBOKA.MWE NA EDOURD MUKOMERE.
IVYO MUFUNDIKA NTIBIGIRA IFUNDO.ARIKO NKUGIRE INAMA RABA UREKE GUSENGA UBANGIKANIJE.EHE FATA IJAMBO UTANGAZE KO USHIZE AHO INTAHE ISHIZE .HANYUMA BA RWEMBE UBASHIRE KURE YAWE UBAHE SENTARE.EREGA SHA NTAKUNDI.DESOLE MUGABO URI IRAHE TUZOKUGEMURIRA.KUBERA TU ES NUMERO 1 MUGUKINA UMUPIRA
24 Ntwarante 2014, 11:24, par PRIMUS
Abatwa muzoguma muri abatwa koko!! mwarahemukiy’ubusa basha!!
Ariko Niyoyankana ntimubona ko yikubis’agashi!!