IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amakenga ku vyaha Bamvuginyumvira yagirizwa

Amakenga ku vyaha Bamvuginyumvira yagirizwa

mercredi 11 Kigarama 2013

Umugambwe Sahwanya FRODEBU usanzwe uri muyitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi ubona ko ibiriko bishikira Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ari irementanya. Bamvuginyumvira Ferederiko apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuwa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama 2013, akaba yagirizwa gushaka gutanga igiturire ku nzego z’igiporisi.

Uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Ferederiko Bamvuginyumvira w’imyaka 52, bivugwa ko yafatiwe mu nzu y’uburaro mu Kajaga, ari kumwe n’umupfasoni Joséphine Nzeyimana. Nk’uko bimenyeshwa na Emmanuel Rumbete, umuhanuzi muri sentare ntahinyuzwa, Ferederiko Bamvinyumvira na Joséphine Nzeyimana bafashwe basambana ku munsi wa kane igenekerezo rya 5 Kigarama 2013.

JPEG - 38.6 ko
Bamvuginyumvira ari kumwe na Josephine Nzeyimana

Emmanuel Rumbete amenyesha ko Ferederiko Bamvuginyumvira yagerageje guha igiturire abaporisi kugira bapfukire ivyo yari afatiwemwo, ari naco gituma ariko akurikiranywako icaha c’ugushaka gutanga igiturire.

Inyuma y’iminsi ine yamaze apfungiwe muri BSR, Bamvuginyumvira yarumvirijwe na sentare ku munsi wa mbere, uwo munsi nyene ku mugoroba, haca hafatwa ingingo ko yokwungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Joséphine Nzeyimana nawe ararekurwa.

JPEG - 53.3 ko
Ferederiko Bamvuginyumvira ari mu muduga ajanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Mu mugambwe Sahwanya FRODEBU wa Bamvuginyumvira bamenyesha ko ari irementanya atakindi rigamije atari kumwaka iteka n’icubahiro, hamwe n’ukumwegeza kure kugira ntiyitegurire amatora yo mu mwaka w’2015. Kubwa Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU, ni akamaramaza kubona umuntu afatwa agakorwako irementanya kandi ivyo ariko aragirizwa bitagira ivyemeza.

Amakuru dufise, kandi yemezwa n’umuryango hamwe n’umupfasoni wa Ferederiko Bamvuginyumvira, yafashwe ari mu muduga aho yari kumwe na mugenzi we Joséphine Nzeyimana, aho bari bavuye gusuhuza umurwayi ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Umwe mubamuburanira, umushingwamanza Fabiyano Segatwa aranegura uko uwo aburanira yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yafashwe, n’ingene sentare itashoboye kwerekana neza ivyagiriji bikwiye vy’ivyaha akurikiranwako.
"Yabanje akurikiranwako icaha c’ukurenga ibigo, ariko ntivyatevye ico barakivako kuko vyasaba ko abanza kuba yitwariwe n’uwo bubakanye. Mu nyuma bamwagirije kuba yarashatse guha ruswa abaporisi." Umushingwamanza Segatwa Fabiyano agatangazwa n’ingene ico caha co gushaka gutanga igiturire comufata, kandi ic’ukurenga ibigo camuvuyeko.

JPEG - 45.4 ko
Bamvuginyumvira ariko aganira n’umupfasoni wiwe (uwo ari hagati). Hari ku munsi Bamvuginyumvira aseruka imbere y’ubutungane ubwa mbere

Imbere y’uko ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Ferederiko Bamvuginyumvira yamenyesheje ko amasanamu (Photos) bariko barerekana ari irementanya kuko bayafatiye muri Mairie, bamwicaritse ku gitanda ari kumwe na Joséphine Nzeyimana, kandi bompi bambaye impuzu bikwije. Ku mafaranga ibihumbi amajana abiri bamwagiriza ko ari igiturire yari atanze, Bamvuginyumvira yisiguye avuga ko bamusavye ko yotanga ivyo afise vyose imbere y’uko yinjizwa ibohero, muvyo yatanze hakaba harimwo n’ayo mafaranga.

Ferederiko Bamvuginyumvira yabaye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ku ntwaro ya mbere y’imfatakibanza, kuva mu mwaka w’1998, gushika mu mwaka w’2001. Kuri uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama 2013, ararumanije iminsi itatu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku Musaga.


Egide Nduwimana

Messages

  • JEWE BIRANTANGAJE KUMUNTU BASIGAYE BAMWAMBIKA URUBWA BIGE IYO JEWE ICONOSABA NIBAMUREKURE ATAGISABWE KUKO BIRABONEKA KWAZIRUBUSA.

  • AMAREMENTANYA YARENZE URUGERO NIBAHEBE KANDI ICO NIGIHANO C IMANA KUKO NTAREMENTANYA NARIMWE RIBAKUNDIRA HARAGOWE UMU PRESIDENT ATAZOYARWANYA NGO AHANE ABABIKORA ABA UWUBU CANKE UWUZOZA KUKO ABONEKA CANE.KUBWANJ NTACOBOKORA NGONDACUMVE.

  • vyabaye ibara ntimukigira ico musonera ubutungane nibukore ,muhe umwidegevyo nabicana bararekugwa polisi oya gezaho sivyiza ko ducanamwo kandi dusangiye gusanasana igihugu cacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.