IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > One nation Ministry > Amasanamu y’indirimbo 12 z’umurwi One Nation Ministries yagiye (...)

Amasanamu y’indirimbo 12 z’umurwi One Nation Ministries yagiye ahabona

jeudi 6 Ntwarante 2014

Umurwi uririmba indirimbo mpimbazamana One Nation Ministries" warahejeje gukora amasanamu y’urukwirikirane rw’indirimbo zawo bise "Rizasohora".

Muco Adonis twagiranye ikiganiro

Umurwi One Nation Ministries umaze imyaka ishika 4 wandika ukongera ukaririmba indirimbo mpimbazamana. Amasanamu n’amajwi y’urukwirikirane rwa mbere bise " Rizasohora" rugizwe n’indirimbo 13, muri izo 12 ziheruka gukorerwa amasanamu.

Muco Adonis umwe mu bahurikiye muri uwo murwi, atangazako ata giteramo ca vuba co gushira ku mugaragaro urwo rukwirikirane, ariko bashimye kubanza ku bicisha ku nsamirizi n’ibimenyeshamakuru, bongera biyumvira n’ukwezi bogiriramwo igiteramo. Adonis avugako Imana ibashoboje bazogira igiteramo mu kwezi kw’umunani. Mu ndirimbo 13 bamaze gukora, 12 zifise ama Vidéo rumwe rusigaye ruzokwijana, Adonis abisigura uko.

Uwo munyamurwi amenyeshako " CD" iriko indirimbo zibona "Video" izogurishwa amahera 10.000 y’amarundi, iyiriko amajwi gusa " Audio’ izogurwa igice cayo ni ukuvuga amahera 5.000 y’amarundi. Ivyo vyose, haba kugura izibona canke zitabona bizotangura kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante. Kuva kuri iryo genekerezo, ayo ma "CD" azoba ariko aradandazwa haba mu sengero, haba mu maduka amwe amwe uwo murwi uzotumenyesha ahandi hato. Bafise ama "CD" ku buryo atawuzoyibura. Indirimbo zikunzwe na benshi nka " nzogera ku yavuze" canke " Imana s’umuntu" ni zindi nka "Umurwa Wera", "Uwo Kwizera" ni zindi nyinshi zitari bwavuzwe zizosohokera rimwe n’amasanamu yazo.

Adonis arangiza ashimira abahinyanyuzi b’amasanamu nka Fleury Pro akorera muri High Video, Ikoh Multiservice, Jean Marie wo muri Net Communication, Akeza net n’abandi bafashije kugira amajwi n’amasanamu y’urwo rukwirikirane bije ahabona.

Umviriza wongere wirabire ururirimbo "Imana s’umuntu" rw’umurwi One Nation Ministries rwakunzwe na benshi


Cherif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.