IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Armel NIYONGERE yahatswe guhagarikwa n’igiporisi ca Tanzaniya

Armel NIYONGERE yahatswe guhagarikwa n’igiporisi ca Tanzaniya

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushingwamanza Armel Niyongere, umukuru w’ishirahamwe ACAT Burundi, asanzwe ari mu bitavye ibiganiro vyatumweko i Arusha yahatswe gutabwa muri yompi n’igiporisi ca Tanzaniya ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri.

Inyuma y’aho abaserukiye Reta y’Uburundi mu biganiro bankiwe kuganira n’abagize urunani CNARED hamwe n’abari mu mashirahamwe yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, Pacifique NININAHAZWE hamwe na Armel NIYONGERE basabwe gukinjura, basubira kw’ihoteri bashikiyeko. Intumwa za Reta zabandanije gusaba ko abo bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bohagarikwa, bakashikirizwa ubutungane bw’Uburundi busanzwe bubarondera.

Amakuru ava i Arusha, yatanzwe na Pacifique NININAHAZWE, avuga ko abaporisi ba Tanzaniya bagira bahagarike Armel NIYONGERE, bamusanze imbere y’icumba c’ihoteri yashikiyemwo, ariko uwo mugambi ukaba utashoboye kuja mu ngiro.

Pacifique NININAHAZWE avuga ko Reta y’Uburundi yerekanye abo bakwiye kuganira vy’ukuri, akavuga ko n’ubundi atawuganira n’umugenzi wiwe, ahubwo ibiganiro bihuza abafise ivyo badahurizako. Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE agasaba ko umutekano wiwe na Armel NIYONGERE, hamwe n’abagize CNARED bari i Arusha wocungerwa.

Mu gihe hari amakuru avuga ko abo babiri batari batumiwe muri ivyo biganiro, Pacifique NININAHAZWE arabeshuza, akavuga ko yahawe ubutumire n’umuhuza ubwiwe, kandi ko n’itike y’indege yamushikanye i Arusha yayirihiwe n’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC).

Ku bivugwa naho ko umushingwamanza Armel NIYONGERE yinjiye kuri "Badge" atari rwiwe, bikavugwa ko yakoresheje iya Petero Karaveri MBONIMPA, uwo arongoye ACAT Burundi arabibeshuza, akavuga ko yahawe "Badge" yiwe bwite, yanditseko izina ryiwe, kandi ifise nomero 063.


IGIHE

Messages

  • ahubwo nibagifate icokibwa mbere ivyovyose bihurikiye muri cenared babifate ivyobibwa babishikirize bagorikunda abirangira iyomisega.

  • Iyo’mitahe yabo ntiyokoreshwa bagafatwa.

  • Iyo nyifato igayitse yakarwi ka nkurunziza ndayiteye ivyatsi mbe akajagari birirwa baratera mugihugu niko bashaka kuzana no mubiganiro aruko ntihagire umuntu wo muri opposition azosubira guhonyoza ikirenge ciwe murivyo biganiro adafise aba murinda kuko ako na gasuzuguro ariko uwo mwicanyi nkurunziza nabambari biwe nibarinde botswe

  • Kuki none ico gipolisi kitakoze akazi kaco ?none ic’iburundi bishitse kikabona uwuriko aronderwa n’ubutungane bwa Tanzaniya buzokore iki?ubwo si ugusasira indava abagizi ba nabi? mbe umuhuza we yishimikije iki mugutumira abo bamenja? arabe neza ntagwe mu mutego kuko abarundi ntituzotamikwa ijambo leta nayo ihagararire inyugu z’abarundi bo ben’igihugu

  • Igihute kigira kimeneke rero!! nkurunziza yaraziko les Nyamitwe na Nyabenda aribo bagiye kuganirira i Arusha!! tubitege amaso twihanganye. ntawutazi ingorane iyo zavuye. Mkapa nawe igikorwa ciwe co guhuza kiraheze.ivyo gukina bije kuruhande umugabo abonekera mu ngorane

  • Murabura kuza murinyegeza ngomwagiye mubiganiro . nakazi kanyu bagabo!

  • Murabura kuza murinyegeza ngomwagiye mubiganiro bagabo !Nakazi kanyu

  • Ibisaka vy’imbwa birahiye. Abo bicanyi babwirizwa gufatwa bagahanwa. Ikiringo co kuja mu biganiro ngo nuko uzi kurasa no gutera grenades, guturira abantu na pneus cararenganye.

  • wanka kwicarana nuwo mwankanye bwaca ukabura uwukujana kwa muganga.mbe aho reta itaganira nabo ibona ko bafise ico bayirega kandi bafise abandi banyagihugu bari inyuma yabo,bibaza ko ariho inyishu yibibazo bihari ubu mu burundi bizoca bihera. icare muganire maze muheze muvomere uburundi ntimuvomere inda zanyu kuko barya mubona ko babashigikiye ejo ubu bukune buhari mu miryango ntibazoheza ngo babihanganire.

  • AHUBWO ABO BARONDEGWA NUBUTUNGANE BWURUNDI NIBABAFATIRE AHONYENE IARUSHA BABAZANE MUBURUNDI UBUTUNGANE BUBACIRE URUBANZA.

  • https://mobile.twitter.com/pnininahazwe?lang=en-gb
    Ahubwo mutey ikigongw ntakindi ngo bafatwe. mwovuga ingen bureau ya Mpfumukeko yobarihira itik. mbe iyo mitah yemerwa na Tanzania kubera iki hari n’ibindi bihugu baciyemwo ntibafatwe. Tanzania niyite mu mutego turabe

  • Abon! narababwiye ko almel na pacifike ari abakuru babicanyi mu Burundi muraharira nibafatwe mubazane hano iwacu tubabaze Eric yatuririwe munyakabiga ya 3/ibarabara ryi10 ,nabarundi babazwe bwampene nabandi baturiwe babona, nimiduga namamoto namakinga vyaturiwe,aba polisi na basoda bagiye bishe,gutembagaza inzego z’igihugu ubunaho muriko mukora amanyanga invitation ya frode,badget yafrode,itike yindege yafrode,bazane hano izontozo tuzereke!

  • Ndamurahiye abo ntibava TZ badafashwe ningombwa bafatwe tz simurwanda kwa mu hi ma kagame

  • MBEGA MAHORO HARI UWUSUMBA KWICA LETA YUBURUNDI KUVA BAKIRI MWISHAMBA GUSHIKA UYU MUNSI BIRIGWA BARANYWA AMARASO YABARUNDI URAZI IYI NTWARO ABANTU BARI KUMUTWE WAYO YISHE MWIBAZA KO MUTAZOTEBA NGO MUBIBAZWE SHA IVYARI MAGARA VYARAGERUYE NAHO KIZIOGENZA WANYU AZOBA AGENDERA KURI CHAISE ROULANTE AZOBIBAZWA BITEBE BITEBUKE KANDI NIMWE MUZOVUGA KO YABATUMA KWICA ABARUNDI UBU HISENE HABRE ASUGWA NABO YARI YARAHAYE UBUTEGEZI AGIRE IMANA APFE KUKO YOBA YIKINZE VYINSHI KUKO NTASYE BWOSE NGO NTAZOBIBAZWA.

  • MBEGA ABO BIGIRA NGO NABO MURI LETA NIBO BADAFISE IVYO BAGIRIZWA?NIBAGANIRE BOSE NIBENE BURUNDI BAHARIRANIRE,TWUBAKE I GIHUGU CACU KIZIRA AMARIRA N’AMAGANYA.

  • IYOMIHIRINBIRI YACHATSE GUTAMUMANGA IGIHUGU NABARUNDI UWABATUMIYE ATOHOZWE ABARUNDI NTIDUKWIYE NOKUBUNVA BAZORINDA BAVAKWISI BADATWAYE BARAWUCANYE BAZOWOTA BAZIBURA URAZI INBAGAYABARUNDI BAGONBA KOREKA NGOBAJUJUJUTABAZAMUNAMA NTIBAKIGIRA NUBWENGE NATWE ABARUNDI ICOBADUHA TWOBIHANIRA UWAKUZWE NABARUNDIWEWE NIBAMUREKE BAZOMUKURA KWIBWA YIRUKA

  • Yemwe yemwe ndabatakambiye muhumure;mwicishe bugufi mumajambo mwandika. terera igihugu muvyiyumviro vyanyu mureke guterana ingumu na makofe yamajambo. Ejo bizoryohera umwe wese niyahura nuwundi ati mwana wamama( mwana w’imana dawe watwese) akanyota karakwishe ingo ndaguhembure. ATAMUHUTU; ATAMUTUTSI EKA ATAMUTWA KANDI ATAMUNYAMAHANGA. TUBONANE NKABAVA AMARASO TWESE . BAGENZI BIRAGOYE NUKURI ARIKO NDABATAKAMBIYE DUTABARE UBURUNDI BWACU BICIYE MUKANWA KACU. NDAVUGA SIMVURA MUGABO NDAHEZAGIRA. IMANA IBAGIRIRE NCUTI ZANJE. MUHEZAGIRWE

  • Ntanguye gushimira Imana, yazigamye izonseruka rukavye zahisemwo kurwanira amategeko hamwe nagateka kazina muntu, hamwe nabategetsi ba Tanzania batashimye kurwa mumutego wa nkurunziza nakarwi kiwe. Mungu bariki Tanzania na wanaishi wote.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.