IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Audifax NDABITOREYE ku rutonde rw’abazohiganirwa gutwara Uburundi

Audifax NDABITOREYE ku rutonde rw’abazohiganirwa gutwara Uburundi

lundi 30 Ntwarante 2015, par Egide N

Audifax NDABITOREYE, umukuru w’urunani IMBONO Charisma (Vision Charisma) abaye umuntu agira gatandatu amenyesheje ko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Mu runani IMBONO Charisma bamenyesha ko bazokwitaba n’ayandi matora yose ategekanijwe mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, Audifax NDABITOREYE, umukuru w’urunani IMBONO Charisma (Vision Charisma) yamenyesheje ko yiteguriye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije. Mu migambi avuga azoshira imbere, ni ukwubahiriza ubuzima bwa kiremwa muntu.

JPEG - 50.2 ko
Audifax NDABITOREYE, umukuru w’urunani IMBONO Charisma (Vision Charisma)

Audifax NDABITOREYE yigeze kurongora urwego rw’igendereza ku butegetsi bwa Ntibantunganya Sylvestre, yamenyesheje ko ubuzima bw’umuntu butegerezwa kwubahirizwa, kuko iyo umuntu atubahirije ubuzima bwa mugenzi we, nawe nyene atakiba cotuma ubwiwe bwubahwa.

Uwo ashaka guhiganirwa ugutwara Uburundi yibutsa ko umuntu wese yavutse yidegemvya, umwe wese akabaho yidegemvya, kandi yubahirijwe kuko ata n’umwe yahisemwo kuba ico ari igihe avuka.

Audifax NDABITOREYE akamenyesha ko Umutekano wa buri muntu wese ukenewe kugira abantu babane neza, ukujuragiza bamwe bigahagarara, amategeko yose akaba ayategerezwa kunganya abarundi bose, ata n’umwe ari hejuru yayo.
Audifax NDABITOREYE ati : "Ko twiyemeje kuja mu ntwaro, tuzogarukira kugarukana ubuntu n’agateka, mu bantu, kuko aho vyari bigeze, abantu baricwa kakaba akamizwe n’ingoma, bakiba bikaba ibisanzwe, bagaca iza ngondagonde bikaba ibisanzwe. Ivyo vyose harageze ko bihagarara."


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.