IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Bujumbura : Iyubakwa ry’urugomero ruzotanga umuyagankuba ku bihugu (...)

Bujumbura : Iyubakwa ry’urugomero ruzotanga umuyagankuba ku bihugu 3

mercredi 17 Nyakanga 2014

Urugomero rwa Ruzizi ya gatatu rugiye kwubakwa vuba, ruzoshobora gutanga ama megawats agera kw’147 ayo nayo akazofasha ibihugu bitatu biri mu karere k’ibiyaga binini.

Urwo rugomero rwa Ruzizi ya gatatu rukazotangura gukora mu mwaka w’2021, rukazorahurira ibihugu vy’Uburundi, Urwanda na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Urwo rugomero rero bivugwa ko rwoba ruriko umutaho ugera ku miriyaridi 650 y’amafaranga y’amarundi, rugategerezwa kurangira inyuma y’imyaka indwi rutanguye kwubakwa. Amabanki atandukanye nka BAD, Ibanki y’isi yose, Ubumwe bwa Buraya, bikaba biri mu bifasha mw’iyubakwa ry’urwo rugomero.

Mukamenya ko abaserukira ivyo bihugu bitatu bisanzwe vyose bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ibihugu binini, biri mu biganiro co kimwe n’abashizemwo imitahe, mu kuraba ukwo horihishwa uwo muyagankuba.


Aristide Nizigire

Messages

  • nivyiza cane kubaka urugomero rwamashanyalazi .ahubwo mukoreshe ingumvu nubwira mutorose amatara menshi mugihungu ninaho ubukene bwogabanuka .mwibuke yuko ahatari amashanyarazi ntamajambera ahaba ashemeye.murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.