IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Buramatari wa Muramvya yikuye mubadashigikiye ikiringo ca gatatu

Buramatari wa Muramvya yikuye mubadashigikiye ikiringo ca gatatu

mardi 31 Ntwarante 2015, par Egide N

Buramatari w’intara ya Muramvya, Daphrose Ntwengambabaye, umwe mubari bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, yanditse ikete ry’ugusaba ikigongwe, ariko akaba muri iryo kete adatomora icari camutumye ubwa mbere yifadikanya n’abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Mw’ikete Daphrose Ntwengambabaye, buramatari w’intara ya Muramvya yandikiye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2015, umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda, yamumenyesheje ko asavye ikigongwe ku rwandiko yateyeko umukono rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza. Daphrose Ntwengambabaye yamenyesheje muri iryo kete ko yiyemeje gukora uko ashoboye kwose, kugira umugambwe CNDD FDD ubandanye uja imbere, n’amatora yo mu 2015 azobe meza. Muri iryo kete twashoboye kuronka, Buramatari w’intara ya Muramvya ntatomora icamutumye ubwa mbere afata ingingo y’ugutera umukono kuri urwo rwandiko, hamwe n’igituma afashe ingingo y’ukwisubirako mu gusaba ikigongwe.

Tumurondeye Daphrose Ntwengambabaye arongoye intara ya Muramvya, aremera ko iryo kete ry’ugusaba ikigongwe ariwe yaryanditse, ariko akaba ata vyinshi ashima kuvuga kucatumye aryandika. Mu gihe havugwa iterabwoba rikomeye, hamwe n’uburyo bw’amafaranga menshi buriko burakoreshwa muri CNDD FDD mu ntumbero y’ukugondoza abateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, kugira bisubireko basabe ikigongwe, Daphrose Ntwengambabaye, buramatari w’intara ya Muramvya arahakana ko atatewe ubwoba, kandi akemeza ko atigeze ahabwa amafaranga kugira yisubireko, ariko akaba adasigura igituma yisubiriyeko. Tukabamenyesha ko umushingantahe wa Daphrose Ntwengambabaye, ariwe Melchior Simbaruhije, asanzwe ari umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nawe nyene ari mubateye umukono kuri urwo rwandiko rw’abadashigikiye ikiringo ca gatatu, mugabo we akaba atari mubasavye ikigongwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • YEMWE BARUNDI MURAKANURA BWAKEYE UYO NAWE NUMUGORE ATAZI ICARICO POLITIQUE AZIBONERAKO ABA DD TWARABAHINYUYE PETER NAWE ITEGURE UTAHE CANKE UWATSE UZOZIMIRIRA IWAWE NATWE BENE GIHUNGU BUMUTIMA DUTI IGIHUNGU NTIGIPFAKARA•

  • Arabesha ico yavuze ubwa mbere nico kiri kumutima ivyo bindi bivuye kugitigu

  • Turazi ko dolofo yabateye ubwoba ko abica bose! Ni gucungura agatwe!
    Ntihagire uwo bahenda!
    Nimwicane mwamihimbiri mwe! Ntaco mwari mumaze!

  • Daphrose yacunguye agatwe kandi nuburenganzira bwe ubundi umugore nubwo yaba afite imbaraga zingana zite aguma ashaka kujya hasi .umugore yihindukiza mw ijambo ntiyihindukiza muburiri

  • Uyo mugore arisusuguje pe! Uyo ni ntirumveko. Abantu mwe nabo, Sabo guha gutwara. Abo ni ba bandi bashobora guta mu kaga intara yiwe. Icarico cose cabimutumye Nagende turamugaye!

  • Ivyo mu Burundi nta muntu atabizi kiretse ko benshi bashima Mubarak ba mpemuke ndamuke nk, uwo Buramatari wa Muramvya. Kandi October novyita kwiyaka ijambo Karashize ingani ngo tuzame tuvuga ko atajambo ry’ abogore?

  • Abo bose mushaka gutera ubwoba mwibazako arimwe mukomeye mwenyene mukoze muvyuma?CNDD irabatwara mwanka mwakunda,ahubwo abayanka mube muriha akagozi kuko abeneburundi bagiye kuyihunda amajwi.ndashimira yakwubahwa peter ko yagize kamwe ko mugifaransa ngo on repond les imbecile par le silence

  • Ntimwibagire ko yitwa NTWENGAMBABAYE. Izina niryo muntu.

  • NONE UMUGABO WIWE GUTE......UKO NI KUDUHENDA NAWE NASINYURE KUKO UVYO MU RUGO RUMWE NTIBIBAHO SOIT BOSE BARASINYE SOIT BAKABIVAMWO KUKO BANKA KO URUGO RUTAKAZA RWOSE.

    TURASAVYE UWO MU BURAMATARI ANYARUTSE AVUGANE NUMUGABO KUKO TWEBWE NTITUBAYE ABANA KANDI NONEHO AMA DECRETS ABIRI MU RUGO RUMWE NIKWIJAJARA NICO GITUMA BASINYA IVYO BATAZI.

  • Ndabapfinze yemw banywanyi bikinyamakuru ’igihe’ nikihe gikoko gikunda gusubiza mukanwa ivyo cadashwe? Uyu Daphrose nin’umushonji!

  • JEWE NUMVANGO HARIHO ABAZUNGU BAVAMUBIHUGU BITANDUKANYE KANDIBIKOMAKOMEYE VYIYRMEJE KWEGERANYA AMAFRANGA ASHOBOKAYOSE NGOMPAKA BAKUYE KUBUTWGETSI UMUGAMBWE CNDDFDD ICICARO COKWEGERANIRIZAMWO AYOMAHERA KIRIMU BUBILOGI , NGWIMPAMVUBABIKORAGURTYO NGONUKO CNDDFDD KUVIGUYE KUBUTEGETSI YAHAYE IJAMBO KUBIRYO BUBONEKA ABA ISLAMU BOMU BURUNDI NGO NIBIHUGU VYABARABU BAFITANIYE UBUCUTI BUTIGEZE BUBAHO, AHOREROKUBERABAZIKO ABA CNDDFDD KWIFRANGA WOPFUMA UBICA BAFASHE UMUGAMBI WOGUHA AKAYABU KAMAFRANGA YAMANYA BURAYA INDONGOZI ZOHEJURU MURI CNDDFDD NONEHO BACEBATANGURA KUZABARAVUGA IBINTU VYOKWISAMBURIRAKO MAZE CNDDFDD ISAMBUKE GURTYO. NIMURUBWOBURYO BIRARENZE HAGATI YUKWEZI 4 HARAMAHERA ATARINAKE AGOMBAKWINJINZWA MU BURUNDI AZOHABWA ABAGUMYABANGA NGO UMWUMWESE YEMEYE KUYATORA BAZOYAMUHA INCURO 2 IGICECAMBERE NICIMBERE YAMATORA IKINDI NICINYUMA YAMATORA IGICECAKABIRI KIKABAKIZOTANGWA CANKE NTIGITANGWE, NGORERO IGICECAKABIRI KIZOTANGWA ARUKO CNDDFDD YATSINZWE NGONAYO MUGIHE CNDDFDD IZOBAYATSINZE KIRYAGICECA 2 NTIBAZOGIHABWA AMAHERAYACO AZOCA AZARAHABWA ABAZOZA BAREMERA KUVAMUMABANGA BARIMWO MURI RETA KANDIBAKAGIRA NIVYOBAVUGA BIBI (AMAREMENTANYA) KURI CNDDFDD/KUGISODA CIGIHUGU/NOKUGI PORISI CIGIHUGU, AYOMACRANGA NGWAZOBANDANYA NOGUKORESHWA MUKURO DERERA INZIRA NZABASHAKA GUHUNGA NOKUBABESHAHO IYOBAZOBABAHUNGIYE. NDIHANZE YU BURUNDI KANDINDABIRIMWO HARIHO IVYONDINDIRIYE KOBIKORWA NAVYO NZOBIBABWIRA . HARICONARINIBAGIWE KUBABWIRA, HARIKO HARARONDERWA BABA ISLAM BIDINI BAKORERA MWUYUMURWI MUGIHE VYOZOMENYEKANA KO CNDDFDD YAGAMBANIWE KUBERA YIYEGEREZA IGABIJAMBO ABA ISLAM BABA ISLAM BIDINI BAZOCE BAFATA UMWANYAWAMBERE MUKUVYIYAMIRIZA, IFARANGA RYAGUJIJE UMWANA WIMANA!!!.

  • MELCHIOR SIMBARUHIJE, HARANIRA UBUSHINTAHE WEREKANYE, NTANGINGO ZIBIRI MURUGO RURIMWO UMUGABO NKAWE TWOKWEMERA! SOIT KWIRIKIR UMUGORE CANK AGUKWIRIKIRE. RENGERA ITERA BWOBA UHAGARARE BWUMA TUGUSHIGIKIY TURI BENSHI.
    WE WIYITA KABIZI, IYO NINZARA KAND EMBECILE NIWEWEEEE!!!

  • Ntagitanaj kirimwo kuko amahera nimabi cankugasana yabunguye agatwe mugab ndateyivyats ingendo nkizo

  • YARAHEMUTSE KUKO NTAMUGABO YIHINDUKIZA MWIJAMBO UKURI KURAVUGWA KUKONGERA KUKWEMANGWA.

  • bahindura badahindura, iryitangiye ariryo, gukoresha amahera, ntaho bitaniye na rwarugendo bitirira amahoro anho ari imyiyamamazo ya CNDD-FDD. Ikvyerekana ni ijambo nyamukuru rica rivurwa n’uwuserukira umugambwe ku rwego rwo hejuru, ubujuju ntibuzobavako pe! hama bama bagera amahera, kugira barabe ko bokwerekana ko bafise abanwanyi benshi, mbe ntiboreka iyindi migambwe ikaja ku rubuga bagashira ku munzane, bizosendwa. None abahoze kurugamba baraye bavyiyemereje ko biteguriye indwano, umukuru wabo akaba Nkurunziza Petero, abatayishigikiye ni babandanye bivangura, ni bakomere kw’ibanga

  • bahindura badahindura, iryitangiye ariryo, gukoresha amahera, ntaho bitaniye na rwarugendo bitirira amahoro anho ari imyiyamamazo ya CNDD-FDD. Ikvyerekana ni ijambo nyamukuru rica rivurwa n’uwuserukira umugambwe ku rwego rwo hejuru, ubujuju ntibuzobavako pe! hama bama bagera amahera, kugira barabe ko bokwerekana ko bafise abanwanyi benshi, mbe ntiboreka iyindi migambwe ikaja ku rubuga bagashira ku munzane, bizosendwa. None abahoze kurugamba baraye bavyiyemereje ko biteguriye indwano, umukuru wabo akaba Nkurunziza Petero, abatayishigikiye ni babandanye bivangura, ni bakomere kw’ibanga

  • ewana none kwivuguruza arumu dd sibisanzwe.erega bose ntajambo.ntiwama ubona kumwe muribo avuze ijambo mugenziwe aca amuvuguruza hadaciye nakabiri.hama ngo nabagumyabanga.asinya canke asinyura icabitumye ubwambere nico kifatwa kwicemezo

  • UMUGABO APFA NKUMUGABO,NAKANDI KABAGORE NAKARE BITWA BA KIGEUGEU

  • Murahumba basha,je nohanura n’abandi basinye basinyure,ibitutsi mwakurikije Onesime yabahereye akazi abagore n’abakobwa ,ubu nibaza ko a regretta vos conseils ,abatabazi nibo bemera kubakurikira canke bafise igituma bakoresha vos médias,bravo Dafrose reke ivyo bijuju vyivugire ivyo bishatse!

  • NKESHIMANA DÉSIRE

  • ntagitangaj kuba yisubiyko ntarinda ryabagore!nn kwavuga kwatatew ubwoba nind yari yabimutumy kobikora?

  • Twebw Abarundi Ico Dusaba Nuko Twokwironkera Amahoro N’umutekano.

  • Dafrose Komera Wanse Guhendwa Nk,abagore Batagir,ijambo Komera Muko Bungabunga Intsi Abagomb,ubutegetsi Ni Barindire 2015 Nkurunziza Arangije Manda Yiwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.