IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bururi : Abakenyezi bahamagarirwa kuja ahabona

Bururi : Abakenyezi bahamagarirwa kuja ahabona

samedi 25 Gitugutu 2014

Abakenyezi bo mu ntara ya Bururi ntibaserukiwe neza mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.

Ivyo biri mu ruganda rw’iminsi ibiri rwari rwatunganijwe n’ishengero rya Anglicane. Ikiganiro catanzwe na buramatari w’intara ya Bururi Gloriose Nimenya, akaba avuga ko ku misozi igera kuri 198, imisozi yonyene icenda ariyo irongowe n’abakenyezi nayo amashure agera kw’152, abayobozi bayo ari 3 gusa.

Buramatari w’iyo ntara akaba asaba abakenyezi kwitoza ari benshi, kandi bakazosidukana n’iyonka mu matora, kugira baze bashobore gushirwa mu bisata bifata ingingo mu gihugu ari benshi. Abakenyezi b’abarundikazi rero bagasabwa kutama bari ahinyegeje gusa, nyabuna baje ahabona atagutinya canke kwikengera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.