IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi : Sentare y’iyungururizo yegereye abanyagihugu

Bururi : Sentare y’iyungururizo yegereye abanyagihugu

jeudi 19 Ruheshi 2014

Abanyagihugu bashaka kwitura ubutungane, bava mu ntara za Bururi, Makamba na Rutana bahora barinda gushika mu gisagara ca Bujumbura, canke i Gitega bapfunyirijwe urugendo. Itegeko nshikiranganji nimero 100/140 ryo kuwa 9 Ruheshi 2014 rishiraho sentare y’iyungururizo y’i Bururi.

Mu ntumbero yo kwegereza ubutungane abanyagihugu, ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo yo gushira sentare y’iyungururizo mu ntara ya Bururi. Agnes Bangiricenge, umunyamabanga mukuru wa sentare ntahinyuzwa amenyesha ko iyo ngingo yo gushira sentare y’iyungururizo i Bururi yafashwe mu ntumbero yo gupfunyiriza urugendo abanyagihugu bo mu ntara za Bururi, Makamba, na Rutana kuko bategerezwa gushika i Bujumbura canke i Gitega.

Akandi kunguko ku banyagihugu, nk’uko Agnes Bangiricenge, umunyamabanga mukuru wa sentare ntahinyuzwa abandanya abimenyesha, ni ukugabanuka kw’uburyo n’umwanya abanyagihugu bahora bakoresha.

Bitegekanijwe ko abakenguzamateka bizokwiga amazina y’abagenwe kuzorongora iyo sentare y’iyungururizo ya Bururi, imbere y’uko batangura amabanga yabo icese.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.