IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI : Abanyeporitike bakurikiranwa mu butungane ntibokwizera (...)

CENI : Abanyeporitike bakurikiranwa mu butungane ntibokwizera kuzokwitoza

mercredi 13 Myandagaro 2014

Abanyeporitike bafise ivyo bakurikiranwako mu butungane babwiwe ko batazokwakirwa mu murwi CENI nk’abakeneye kuzokwitoza mu matora yo mu mwaka w’2015. N’imigambwe itazorungika abayifasha gucungera amatora ntizoba irekuriwe guhakana ivyavuye muri ayo matora.

Mu nama yari yatunganijwe kuri uwu wa kabiri, mu ntumbero yo guhamagarira abanyamigambwe kwama bibuka kandi bakubahiriza itegeko rigenga amatora n’ikirangaminsi c’ayo matora, Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi w’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora, yamenyesheje ko abanyeporitike bose bafise imanza zibakurikirana mu butungane ko batokwizera kuzokwitoza, kuko muri uwo murwi murwi batazobakira. Nk’uko Prosper NTAHORWAMIYE yabimenyesheje, abokwitoza azoba ari abakwije ibisabwa vyose n’amategeko, harimwo n’ukuba batariko barakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi. Aho rero twokwibaza ingene amatora azoba asa, n’abazohiganwa n’umugambwe CNDD FDD, mu gihe abo badafise uburenganzira bwo kuzokwitoza aribo batwara imigambwe y’igihagararo yoshoboye guhangana na CNDD FDD. Muri abo tubabwire nka Rwasa Agathon wa FNL, Alexis Sinduhije wa MSD, Leonard Nyangoma wa CNDD, Ferederiko Bamvuginyumvira wa Sahwanya FRODEBU, Leonce Ngendakumana wa Sahwanya FRODEBU na ADC IKIBIRI, hamwe na Tasiyano Sibomana wa UPRONA ishami riyoboka umushingamateka Karori NDITIJE. Inzira ihiganwa ryo mu mwaka w’2015 rizofata iracagoye kubona kandi, kuko n’imigambwe yaciwemwo amashami itarashobora kwiyunga, n’aho mu rupapuro rw’inzira, abanyeporitike bari bemeranije ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buzofasha imigambwe yasambutse kwiyunga. Ku mezi make asigaye kugira amatora atangure, imigambwe yohiganwe na CNDD FDD iracarimwo impari z’uburongozi, aho tukababwira nka FNL, UPRONA, UPD, na Sahwanya FRODEBU.

Prosper NTAHORWAMIYE asaba imigambwe kuzorungika abayifasha gucungera amatora (mandataires) mu gihugu cose. Imigambwe itazoshobora gukurikirana amatora yabwiwe ko itohirahira ngo banke ivyavuyemwo. N’abazokurikirana amatora ntibashire umukono ku vyegeranyo vy’ivyavuyemwo, Prosper NTAHORWAMIYE avuga ko bazoba babifitiye uburenganzira, ariko ko bitazosigura ko bazoba bahakanye ivyavuye mu matora.

Tubamenyeshe ko iyo nama yabaye abo mu runani ADC IKIBIRI badahari, Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI akamenyesha ko batumyeko amanama hitaba abashaka. Ku bwiwe rero, ivyo vyavuzwe muri iyo nama yo kuri uwu wa kabiri, abo mu runani ADC IKIBIRI bazovyumva no hanyuma, kuko amahuriro n’amanama vyo kwitegurira amatora bibandanya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Voilàles dés sont jetés. CENI irabakuriye inkoni ku gashitsi. Abo bose bakomeye nta n´umwe azitoza. Vyose vyarateguwe. N´uwutarakurikiranwa bibaye ngombwa bazomukurikirana. Bazomukorera dossier. Ikindi kiboneka ni uko kuvuga ko atawuzohirahira ngo ahakane ivyavuye mu matora kuko barazi ko bazoyiba déjà. Hahaha! Jewe simbona n´ico batinya kuko imigambwe bayiciyemwo ubunywenywe, ntibayemerera kuja mu banyagihugu, none ubu naho ntibazemerera ba Rwasa n´abandi bakomeye kwitoza. None batinya iki? Jewe ndi nkabo aho gutesha umwanya abanyagihugu no kwonona ubutunzi buke twari dufise, mbona boca bavuga ngo: "CNDD/FDD tuyihaye amajwi aya, CNDD/FDD Concilie(oya UPRONA yemewe na Edouard) tuyihaye aya, etc." kugira vyihute.

  • MBE NKURUNZIZA WE BIRIGITE KO WE YAKATIWE GUPFA
    BA ADORPHE EKA ABACIYE MU MASAMBA BOSE BATUMARIYE ABACU
    MBE BOBO BAZITOZA?CANKE BO KO ARI UMUGAMBWE WABO NTANGORANE YEMWE NA IPRONA YARAGODOTSE NAWEE PROSPER URIHENDA
    IYO MWOROSHA MUGUMIJE NATWE TWOGUMYA AKARI MU MENYO YIMBWA""................."..."......"..........."........................"..."
    MWITONDE TURAHABONA! !!!!,!,,,,,,,

  • Aho amatora prosper arayatovye hakirikare nambabo muze batazitoza muracahunga sinobabesha,ntakuntu woba uri mumugambwe ukongera ukaba uwuhagarariye amatora reka turabe inzira bizofata

  • Clairement,c’est l’histoire de 2010 qui va se repeter.Cela peut se voir a travers les commentaires y’abo barongoyeCENI.Arikoumuntu batanguyeguhengama n’ayo matora atara tangura wumva koko bizogendagute mugiro!!Ahubwo mpanura ADC canke uwundi muntu wese ashaka ihinduka mu Burundi ko yotanguragukenyuraukundi akareka guta umwanya muvy’amatora.Muribuka mwese NDAYICARIYE ibijambo bidahumuriza yaguma avuga muri 2010,ntakijambo na kimwe yavuze kitabaye nk’uko yakivuze!Rero,nimba amatora abarundi boyitegamwo gutunganyiriza bose ningombwa abo ba Ndayicariye,Prosper n’abandi bakinjure.Bitagenzeuko abatavugarumwe na cndd-fdd bareke guta umwanya!Kuko Peter ubw’iwe na wenyene arazi ko atera mubibazo uburundi bwahuye navyo.Kandi is Peter gusa burya abera boharurirwa kurushi.INZIRA Z’AMATORA,INZIRA Z’IBIGANIRO N’INZIRA ZIDASHIKA.

  • Barundikazi reka guta umwanya nimwetegure ingene ingene tuzovakura kubutegetsi muziganye ivyo muzofungura mubihe bigiye ku gora ?nayo aba DD nimba mwibaza ko muzosubira gutwara ahibabewe mutatsize inambara turayitsinda ntamurundi ashobora kwemerako uburundi bugenda akAgirire , kubera ubugugu bwanyu mushira mubanyagihugu

  • ntakindi cagiriji tukirondera amatora yaraheze.RWasa ,weee Leonce Sinduhije...nabandi.rondera aho mwisumamwo,politique muhebe kuko mukabandanya,muzohasiga igufa..amakungu ntabumva,akarere kiganziiwe nibihangange nkabo badutwara.none muracavuga canke ngo mwizere iki ko vyose babakuriye inkoni kugashitsi.twibukanye gato:(SOKWE):1,MBE WA SIHA KO MBONA AMASO YAMA ATUKURIJE NIBIKI..2,REKA MUSHINGANTA NAHO NAMA NDIKO NDARIRIRA ABANJE BADASIBA GUHONA,uwambere aca arigira.mugenziwe akebutse,ati:yewe harico nkwibariza:MBE KO NAWE MBONA AHO KUNYO HAKOBAGURITSE NAMAHORO.nakagaye keshi,:HAAA,NUKUBERA NIRIRWA NICAYE NDONDERA KO MWOMARA KABIRI MUTARIZE.NImuze twemere badutware nayahandi ikota ya yankona izoturigita.CNDD-FDD,niwijandajandire wabakenyuye kare...

  • ariko ndabona Amaraso agiye guseseka!!!!.mbega NTAHORWAMI Ntiwova muri ivyo bintu ga mwana wamama .Aba DD bazogukwegera !!!!INDA NDENDE IHUMIRA IMBWA.

  • Banyakwubahwa mujejwe iki kinyamakuru IGIHE,hari ikosa mwanditse,nsinzi kwari ukwihenda,mwanditse ngo ADC IKIBIRI siho baribari,mwiyobagiza ko ico kintu citwa gutyo kokitazwi namategeko agenga igihugu?!,mbere nayagenga imigambwe,ntaho gitegekanijwe,nomwibwirizwa shingiro,canke mumasezerano ya arusha ntaho ADC ikibi....gitegekanijwe,ico nicanduka cabantu babagumutsi,biyadukije mugihugu,mbere naho L’Etat yabata muri yompi ikabagiriza kwari abagumutsi bagumutse.amategeko yobakorako abo bose bari mwico kintu mwita uko ngo ikibiri.ninaco gituma umugwi CENI udashobora kurenga amategeko ngutumire ikintu ataho kizwi namategeko!!,CENI ibatumira kumazina yimigambwe yabo baturukamwo,kandizwi namategeko!!,na ba candidats bazitoza kwizina ryimigambwe cank abigenga ,apana ico kintu IKIBIRI!!!!!!!.

  • Attention,attention kurabo bagabo binjiye muri cndd fdd ivyo bazokwega muzombwira.ngejeje ngaho.

  • Kuba FNL nibisanzwe. Ikizwi nuko ataco tucera, nuko twese two rengera ibidutandukanya maze twikureko ako kabaye kaba DD. Turasavye Abarundi Bose bipfuza kazoza kabana babo ko twohaguruka tukagwanya abo bangushi. Ntayindi nzira. Ingwano niyo nzira yamahoro arama.

  • Murabo bose naho ndumugumyabanga ndu rwasa ariwe yoba arenganijwe. Gusa kuko arika arazira ivyabaye muntambara kandi vyateggerezwa. Gukwirikiranwa na sentare mpuzamakungu nibamureke yitaratarize turazi kwatazotsinda turabe koyoronka nubushingamateka nahandiho yokwicwa naagahinda imyaka yamaze mwisshamba nimyishi nayo nyangoma yitwari nigisirikare. Cigihugu yakibesheye ngo batwayaye indege mubanyagihugu muruziba naze yemange imbere yubutungane atange ivyemezo nayo sinduhije wewe yarakwiye kunyongwa kirya kijuju atazi nukuvugijambo yotwarigihugu ccahe abagabo barahheze ntanubumbakumi akwiye leonse bamvunginyumvira nabo bandi aho nyakubahwa ntibantunganya.yaterwa amazirantoke sibo batwara abanyagihugu dushorerwa burende nabari bajejwe kudukingira sibo bari hhejuru canke mwibaza ngotwaravyibagiye naya ivyo bijuju vyandika ngo maraso azoseseka nukurota kumurango urambaza neza naze imyaka7 muri cndd fdd ni 2 muri fnL uratangura izaheriwawe iherere iwawe reka gucirinkonda sha inda woyibaza uwayirako kabirigi arihhe nzabampema shuti mukono jean peti barihe abate amagrenade inyuma yamatora ya 2010 barihe ntamitwe nibiziga wama wumva vyatorwa hirya nohino simpakana kwatabaguye muporero cankke abazize akadoberrerezo ariko beshi nawe urabizi kwarabo mwari musangiye umugambi wokongera gutuma abarundi basubira mumarira

  • Nagira ndabibutse ko agasozi kintabarigwa kahiye abagabo babona,hamwe hogira uwusomborotsa intambara amenye ko izohera muhira iwe.Kimwe ntimugire ngo akahise haraho kagiye,ndabahaye igihe gitoya gwa rubanza bari baciriye Nkurunziza gwo gupfa rugiye kuvyuka.Naho uwo mugabo ngo ni Prosper Ntahorwamiye ari muri babandi ngo <<UWOMPA UBWENGE BAFISE AKANYIMA INDA ZABO>> uyo ari muri bansesa nkuyoze.Buyoya yirukanye abahutu aziko batazogaruka mugihugu none ubu nibo bagitwara none agiye no kugisubirana.abakunda nkurunziza mumuhanure ntiyongere no kwitoza nabiyubisha nico gihe ciwe canyuma.umugani wawawundi ati:<<WANKA BANGWE NTIWANKA ZANA NDABE>>

  • Ikibazo abarundi dufise ntimwibaze ngo kiri murivyo abo mumigambwe muriko murapfa oya namba kiri mumitwe yanyu.Woraba neza wosanga ufise ikibazo mumutwe hadakora neza.
    Mwese intambara,intambara.Jewe ntamugambwe ndimwo ariko abanyeporitike murantangaza cane.Ngo banyagihugu muze twikureko,twicane,...hama dukore iki? Mupfa ubusa, nimwumvikane, mukundane kandi mutekane.Vyanse mumikenyuro mukomezegukenyura ariko intambara no kuryana ntaho bizobashikana ncuti atari kudukwegera twebwe abataco bazira.

  • Uyo muntu avuze ngo buyoya agiye kugisubira ngurubaza gwa nkurunziza rugiye gutangura hari nibindi mmwama muvuga ngo tuzobafatishintoke ndakurahiye nibakujane kwarojanti ivyuvuga ninkaho wovuga ko tanganyika isigaye iri mukirere jewe nama nabahanuye ariko ntimwumva cndd fdd iracabatwara nimugerageze mwihamahoro mumitima 2015 ihoraho niyatugeza ntimuze murware imitima mureke kwama mucirimisi abandi mutazi ibizobejo iyo ndabumvirije numva muhoho intambara nkaba^vutse muri 2005 ndarahiye mwe murota intambara. Tangura nubu ivyo babahenda ngo hari abasoda babashigikiye mukemera murambaza jenaho ndi demobibilize naranye nabo imyaka 9 turugana nabeshi no ndihanze ntuzobateranumuru ndakahiye

  • bana babarundi :inyushu nizibiri gusa zogotora iyambere ;1:twemere babandanye kutunyako bongere batwikuruteko kumutwe .2:twanke ko batunyako twanke ko batwikurutako kumitwe yacu turabagabo ,dufise amavya 2 /uwushaka nacagure aho atora ok haguruka

  • Mana y’abarundi ntakindi gisigaye ataruko wohagarara aharengeye ugatabara imitima y’abarundi,raba abarunze ivyaha kumishaha yabo batewe ubwoba n’uko vyoja kumugaragaro umwanya n’umwanya none bishimikije igihe c’imbabazi wabatije nicubahiro wabahaye,imyambaro y’ubwami wabahaye bayipfukishije ayo baneye.
    Barungitse inzira karene kurugamba nka uliya baziremetse inkono zishushe,babarungitse inkokore kandi babarungikanye n’abo kubahohosha.
    None mana ndabaza wewe utanyegezwa,ninde mwere kur’iyisi? Ninde atazocirwa urubanza?

  • Ico gikoko ngo Agato Rwasa, ikibanza ciwe gikwiye kuba i GUANTANAMO ahapfungirwa aba terroristes. Hanyuma Pasteur Habimana nawe akwiriye kubohwa amaguru n’amaboko agakururwa inyuma y’umuduga ukamuzengurusha igisagara cose.

  • prosper yarakwiye gutange imihoho kobatinya uko bizogendakwose ibintu bizotegerezwa guhinduka nibarye ivyanyuma amabi bakoze ntamajwi menshi bazoronk tureme mwibukeko atawoja gutora uwamupfakaje uwamugize imfuryi,uwamuteye ubuken ibi bizotuma ibintu bihinduk Dusenge kandi tureme banama rimwe’’’ Ukwo vyogenda kwose rwasa azoronka igiti muri reta"""

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.