Accueil > Amakuru > Poritike > CENI : Imibonano mu gutegura amatora meza irabandanya
 CENI : Imibonano mu gutegura amatora meza irabandanya
 CENI : Imibonano mu gutegura amatora meza irabandanya
				
				jeudi 11 Nyakanga 2014
Umurwi CENI ukurikiranira hagufi amatora ubandanya ugiriranira imibonano n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, amashengero, imigambwe n’ayandi mashirahamwe mu ntumbero yo gutegura amatora.
Iyo mibonano iriko igirwa n’umurwi CENI, ikaba ari mu ntumbero yo gutegura amatora meza yo mu mwaka w’2015, kugira ayo matora aze agende neza. Muri COSOME, rimwe mu mashirahamwe amaze kubonana n’umuri CENI mu ntumbero yo gutegura amatora, bakavuga ko bayaze neza n’abarongoye uwo murwi. Bavuga ko mu biganiro vyamaze amasaha atatu yose bariko baravugana ivyokorwa kugira ayo matora aze abe meza, bizera ko bizoshirwa mu ngiro. Muri COSOME bakizera ko umurwi CENI uzokora ibishoboka kugira icuka ciza kije kiboneke mu gutegura amatora.
Mukamenya ko iyo mibonano iriko iraba, mu gihe himirije gushirwaho abazorongora imirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara no mu makomine. Mu murwi CENI bakaba bamaze kumenyesha ibisabwa kugira umuntu azobe ajejwe kurongora umurwi mu ntara no mu makomine.
Aristide Nizigire
